Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso : Lieutenant-colonel Isaac Zida yagenwe kuba umushikiranganji (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso : Lieutenant-colonel Isaac Zida yagenwe kuba umushikiranganji (...)

Burkina Faso : Lieutenant-colonel Isaac Zida yagenwe kuba umushikiranganji wa mbere

mercredi 19 Munyonyo 2014

Intwazangabo yo mu gisirikare ca Burkina Faso, Lieutenant-colonel Isaac Zida, uwari yafashe amabanga yo kurongora igihugu inyuma y’ikomborwa ku butegetsi rya Blaise Compaoré, yahawe kuri uwu wa gatatu amabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu.

Michel Kafando, uwagenwe kugira arongore igihugu ca Burkina Fasso vy’imfatakibanza yamenyesheje kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 19 Munyonyo 2014 ko atokwirengagiza uruhara rwa Lieutenant-colonel Isaac Zida yabaye arafata amabanga y’ukurongora igihugu, bikaba vyaratumye intureka zihagarara mu gihugu ca Burkina Faso cari mu migumuko y’ugukura ku butegetsi umukuru w’igihugu Blaise Compaoré.

Umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza, Michel Kafando, amenyesha ko igisirikare ca Burkina Faso gikwiye guhabwa ikibanza gikwiye mu ntwaro mfatakibanza y’ico gihugu, yisunze ingene cigenjeje mu migumuko iheruka muri ico gihugu.

JPEG - 38.7 ko
Intwazangabo yo mu gisirikare ca Burkina Faso, Lieutenant-colonel Isaac Zida yahawe amabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere

Intwazangabo Lieutenant-colonel Zida yahawe ayo mabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere wa Burkina Faso, mu gihe amakungu yari yasavye ko intwaro mfatakibanza yogirwa n’abatari abasirikare gusa.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.