Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Michel Kafando yashikirije ijambo igihugu ko asubiye ku (...)
Burkina Faso: Michel Kafando yashikirije ijambo igihugu ko asubiye ku butegetsi
mercredi 23 Nyakanga 2015
Umukuru w’igihugu Michel kafando yamenyesheje abanyagihugu ko asubiye gushikira ubutegetsi bw’intwaro mfatakibanza.
Mw’ijambo yashikirije igihugu,Michel Kafando yamenyesheje ko ashimira abanyagihugu kuba bariyamirije itembagazwe ry’ubutegetsi,na cane cane urwaruka rwakoze ibishoboka vyose itembagazwa ry’ubutegetsi rigahagarara.
Michel Kafando umukuru w’igihugu mfatakibanza w’igihugu ca Burkina Faso yavuze ko ashimira kandi amakungu atemeye itembagazwa ry’ubutegetsi.Yashimiye kandi abasirikare b’igihgu,abanyamigambwe,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,amasendika,abamenyeshamakuru,abarongozi b’amadini ku kwitanga berekanye.
Kuva kuwa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015,intwaro mfatakibanza izobandanya ibikorwa.
Mwomenya ko ishirahamwe ry’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Uburengero ari ryo ryakoze ritiziganya kugira haboneke ukwumvikana hagati y’abasirikare batembagaje ubutegetsi n’abasirikare bayoboka intwaro mfatakibanza.
Van Naris Mugisha
Messages
23 Nyakanga 2015, 15:58, par Bigimana
Vyobanivyo
23 Nyakanga 2015, 16:03, par mwa
ngira ibi biraha icigwa babandi bashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu muminsi iheze ko inzira y’ama coup d’etat itagishika. mbere yavyose amatora.
23 Nyakanga 2015, 20:37, par Amerike
abarundi mushakubutegetsibwinguvu.rabirengaho.mubigize.abanyagihugutuyoboka. CNDD-FDD murazikotungana75% muburundibwose.none.uwozozakutugwanyamuvyotwagize.ntozoduteranintambwe.turimwibarabara.muzodutsinda? cenarede teshwemute.murabibonye.
23 Nyakanga 2015, 22:56, par NDIKUMWENAYO NEPHTALIE
IMANA ISHIMW NIBAMENYERE KURYA BASUMYE!ARIKO KAFANDO NTASY BWOS,AKABA ATAGAVY KNDI NGO AHINDUR ABO BASODA BAMURARIRA ASHOBORA KWONGERA GUTEMBAGAZWA@