Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Reta yasohoye umutahe wo guhagarika Guillaume (...)
Burkina Faso: Reta yasohoye umutahe wo guhagarika Guillaume Soro
samedi 16 Nzero 2016
Reta ya Burkina Faso yasohoye umutahe mpuzamakungu wo guhagarika umukuru w’inama nshingamateka ya Cote d’Ivoire Guillaume Soro,imwagiriza gushigikira général Gilbert Diendéré n’umurwi bafashanije gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kw’icenda 2015.
Ikinyamakuru Jeune Afrique kivuga ko hari ibimenyetso bishingiye ku majwi yo kuri telefone yumvikanye ingene Guillaume Soro yagize uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi,aho uwari arongoye abasirikare bacunga umukuru w’igihugu ca Burkina Faso général Gilbert Diendéré yatembagaza ubutegetsi yongera afata nk’ingwati umukuru w’igihuguMichel Kafando n’umushikiranganji wa mbere Isaac Zida.
Ubucamanza bwo muri Burkina Faso bwavuze ko uwo mutahe mpuzamakungu urondera Guillaume Soro kugira aburanishwe ku vyaha yagirizwa vyo gufashanya n’abatembagaje ubutegetsi.
Kw’igenekerezo rya 23 Kigarama 2015, umukuru wa sentare ya gisirikare ijejwe gukurikirana abagize uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi muri Burkina Faso, Sita Sangaré, yari yavuze ko mu matohoza yakozwe,hari amajwi ya Guillaume Soro yumviswe kuri telefone,ariko ntiyavuze ivyari birimwo muri ayo majwi.
Bivugwa ko Guillaume Soro yoba yaragiranye ibiganiro kuri telefone n’uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire ku ntwaro ya Blaise Compaoré yitwa Djibrill Bassolé bavugana uburyo bofasha General Diendéré n’umurwi w’abasirikare yari arongoye.
Kugeza ubu ntaco Reta ya Cote d’Ivoire canke Guillaume Soro ubwiwe barashikiriza kuri uwo mutahe.
IGIHE