Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Umukuru w’inama nshingamateka nfatakibanza yamenyesheje ko (...)
Burkina Faso: Umukuru w’inama nshingamateka nfatakibanza yamenyesheje ko ariwe aramutswa ubutegetsi
vendredi 18 Nyakanga 2015
Chérif Sy arongoye inama nshingamateka mfatakibanza muri Burkina Faso amenyesha ko ariwe arongoye igihugu ivy’imfatakibanza,agasaba abnyagihugu kwiyamiriza ifatwa ry’ubutegetsi ku nguvu n’akarwi k’abasirikare.
Chérif Sy yavuze ko itembagazwa ry’ubutegetsi ata gitangaza kirimwo kuko yari yavuze kuva intwar mfatakibanza itangura ko mu gihe urwego rwa gisirikare rucunga umukuru w’igihugu rutosubirwamwo gutunganywa hanyuma abasirikare bakimurwa bishobora gutera ingorane mu gihugu.
Umukuru w’inama nshingamateka mfatakibanza yavuze ko yari yagabishije ko abo basirikare bashobora gukora ibishoboka kugira amatora ntabe.
Chérif Sy amenyesha ko ariwe atwara igihugu kuko abihabwa n’amasezerano ashiraho Reta mfatakibanza hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu.
Van Naris Mugisha
Messages
20 Nyakanga 2015, 17:09, par DUDU
Ingabo nizo, kizir ko abenegihugu bakandamizwa batagira gitabara!