Accueil > Amakuru > Mu makungu > Burkina faso : Zida asa n’uwutemera gusubiza ubutegetsi uwutari (...)
Burkina faso : Zida asa n’uwutemera gusubiza ubutegetsi uwutari umusirikare
vendredi 7 Munyonyo 2014
Umukuru w’igihugu ca Burkina Faso vy’imfatakibanza, Lt Col Isaac ZIDA asa n’uwudatomora namba agiye gusubiza ubutegetsi uwutari umusirikare mu kiringo kitarenze indwi zibiri, nk’uko vyari vyasabwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, aho mbere iryo shirahamwe ryagabisha ko n’ibihano bizofatwa mu gihe ivyo basaba bitokurikizwa.
Ikiringo c’iminsi cumi n’itanu rero nico catanzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kugira uwuramutswa ico gihugu vy’imfatakibanza abe yashikirije ubutegetsi ku wutari umusirikare. Lt Colonel Isaac Zida gushika ubu avuga ko ivyo biraba ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika. Mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kane i Ouagadougou, yavuze ko ico kiringo catanzwe kitamuraje ishinga namba. Ku bwiwe, igihambaye n’ugushika ku mwumvikano wotuma bashika ku mpera y’umwaka ata ngorane, bakongera bagakora amatora.
- Lt Colonel Isaac Zida
Tubibutse ko igisirikare cafashe ubutegetsi inyuma yaho Blaise Compaore atangiye imihoho biturutse ku migumuko ikomeye y’abanyagihugu. Ubutegetsi buhari bukaba bwemeye gutunganya amatora mu kiringo c’umwaka umwe, ariko ntiburavuga uwuzorongora igihugu vy’imfatakibanza gushika ico gihe.
Floxella Karire
Messages
7 Munyonyo 2014, 19:54, par NDAVUGASIMVURA
aha gutwara igihugu biraryoshe kuba nya frika eka ntariko arakirekura kuko arazi ico azohakura kubera iki we ?, ntubona ko bapfuma bahunga bateshejwe hako bagenda neza.
8 Munyonyo 2014, 02:15, par So
Narayendabibabwiyeko mwenivyo vyogukuraho perezida murubwoburyo kovyozakuba ariko inzirazose zokugoragoza zase, nayo ahovyakozwehose amajanyuma niyoyaciye ataha mwivuobihugu’ baprezida zamurorohereza abenegihugu namwe benegihugu mwibuke icabarundibita kugoragoza ntimukihutira gushira ahagashavugashize.
8 Munyonyo 2014, 11:52
Buyoya Petero Ramba ni wewe wagitanze bose babireba nabandi nibakurabireko akarorero
8 Munyonyo 2014, 12:50, par Joseph
Buyoya yaremerewe n’aba DD yategerezwa kugitanga ku neza kuko yari guhava agitanga mu marira nka Bagbo