Accueil > Ubutunzi > Amafaranga angana 500 000 y’amanyaburaya imfashanyo y’ubudagi izofasha (...)
Amafaranga angana 500 000 y’amanyaburaya imfashanyo y’ubudagi izofasha igisata co gucukura ubutare
mercredi 17 Kigarama 2014
Igihugu c’ubudagi casohoye amafaranga angana n’ibihumbi amajana atanu y’amanyaburaya kugira azofashe mu Burundi mu gisata co gucukura ubutare, nk’uko biri mu masezerano yatewe ko igikumu hano i Bujumbura.
Ayo mafranga yiyongera kuyandi agera ku bihumbi amajana icenda y’abanyaburaya yatanzwe na Retay’ubudagi muri ico gisata nyene, nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji w’imigenderanire y’ Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure , ari nawe yateye igikumu kuri ayo masezerano ari kumwe n’uwusanzwe aserukira igihugu c’ubudagi hano mu Burundi, Bruno Brommer.
Ico gikorwa kikaba kijanye nawa mugambi wa kabiri wo kurwanya ubukene CSLP2, na cane cane ko bijanye no kuduza umwimbu mu bisata bisanzwe biwuduza bikongera bigatanga n’akazi,nk’uko abandanya abimenyesha.
Floxella karire
Messages
17 Kigarama 2014, 17:22, par So
Komera mutama mushikiranganji wimigenderanire yu Burundi nayandimakungu ndagukunda cane.
18 Kigarama 2014, 13:43, par Nwari
Nimwifungurire ?abobadagi bobo ndaziko bakingira inyungu zabo barAzi ivyanyu vyose babarabisha ijisho barazi ko muri ibigugu