Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Abahuza ibitsina babisangiye barabangamiwe n’ikiza (...)
Burundi : Abahuza ibitsina babisangiye barabangamiwe n’ikiza SIDA
jeudi 7 Munyonyo 2013
Mu kurondera ingene hotorwa inyishu irama mu kurwanya umugera wa Sida mu Burundi, icigwa cakozwe ku banyagihugu bakunda kwandukirwa n’umugera wa Sida kurusha abandi cerekana ko boshimikira ku mirwi ibangamirwa kuruta iyindi mu kwandura uwo mugera, ariyo iy’abahuza ibitsina babisangiye.
Mu gihe bariko bashira ahabona icegeranyo c’amatohoza bagize, Diane Mpinganzima, umwe mubakoze ico cigwa muri Ruheshi 2013 amenyesha ko imirwi ikunda gufatwa cane n’umugera wa Sida mu Burundi ari iy’abagabo bahuza ibitsina n’abandi bagabo MSM (Man who have Sex with other Man). Mu gihugu cose, baharurwa mu bihumbi bitandatu n’amajana atatu na mirongo itatu na batatu (6333). Muri ico gitigiri, 4657 ni abo mu gisagara.
Abandi babangamiwe ni abadandaza imibiri yabo, abo benshi bita "Abamaraya", baharurwa mu 27657. Muri abo, abaharurwa mu 7092 ni abo mu gisagara ca Bujumbura. Abanywa ibiyayuramutwe bimwe batera mu nshinge nabo barabangamiwe n’umugera wa Sida.
Ibituma kenshi abantu banduzanya hari kunywa cane inzoga ziboreza, hamwe n’ibiyayura mutwe.
Muri ico cigwa basanze ibibanza abo banduriramwo cane vyohabwa uburyo bukwiye bw’imigambi yo kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, hamwe n’ukurwiza udukingirizo muri ivyo bibanza, nk’uko vyabandanijwe bivugwa na Diane Mpingazimana.
Ico cigwa kivuga kandi ko ibibanza vyo kwinezererezamwo, aho twovuga amahoteri, ubunywero, uburiro hamwe n’inzu z’ubutambiro (boite de nuit) ntibironka amakuru akwiye ku vyerekeye kurwanya umugera wa Sida.
Ico cirwa ca mbere mu Burundi kije mu gihe umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe no kurwanya umugera wa Sida, afashijwe n’abasanzwe bafasha, bari mu gusubiramwo umugambi w’igihugu ujejwe kurwanya umugera wa Sida (2012-2016). Bitegekanijwe ko urwandiko rw’icegeranyo ruzoca ruhabwa ikigega mpuzamakungu kijejwe kurwanya umugera wa Sida, indwara ya malariya hamwe n’igituntu. Ico cegeranyo nico kizoheza gikoreshwa kugira basabe imfashanyo izokora imyaka itatu.
Floxella Karire
Messages
12 Munyonyo 2013, 10:23, par David ndiho
Mana yanje!mu burundi ivyo bibaho vyo guhuza ibitsina?ko bazotuzanira umuvumo se?ni bakizwe,sida yo ntizobatinya.
7 Ntwarante 2015, 15:05, par HATUNGIMANA ISIDORE
AHUBWO BARABAROZE!MBEGA ABIGEME NI BITWARA BIZOGENDA GUTE?
7 Ntwarante 2015, 15:07, par HATUNGIMANA ISIDORE
AHUBWO BARABAROZE!MBEGA ABIGEME NI BITWARA BIZOGENDA GUTE?
20 Rusama 2015, 04:51, par P Claver
Imana Nigarukire Igihugu Cayo C’uburundi Ahandiho Turahona!
15 Myandagaro 2015, 19:37, par NKURU
ABABANTUNIBIVUME