Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Abakenyezi bagera ku 19 530 nibo bafashwe ku nguvu mu mwaka w’i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Burundi : Abakenyezi bagera ku 19 530 nibo bafashwe ku nguvu mu mwaka w’i (...)

Burundi : Abakenyezi bagera ku 19 530 nibo bafashwe ku nguvu mu mwaka w’i 2013

samedi 14 Ruheshi 2014

Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe ry’abakenyezi mu Burundi, CAFOB, abakenyezi n’abigeme bagera ku 19 530 nibo bafashwe ku nguvu mu mwaka w’ 2013.

Kuri uyu wa gatanu wa 13 Ruheshi 2014, Antoine Ndayishimiye, umukuru w’ishirahamwe ry’abakenyezi mu Burundi, CAFOB (Collectif des Associations et ONG Feminines du Burundi), yamenyesheje ko igitigiri c’abakenyezi n’abigeme bafatwa ku nguvu kinini cane mu Burundi.

Intara zo mu Buraruko bw’igihugu nka Kirundo na Kayanza akaba arizo ziza imbere ku bakenyezi n’abigeme bafatwa ku nguvu. Mu matohoza yo mu mwaka w’ 2013, intara ya Kirundo yaharurwamwo abagera ku 5 763, mu ntara ya Kayanza nayo abagera kub 2 409.

Inama yari yatunganijwe kuri uyu wa 13 Ruheshi n’ishirahamwe ry’abakenyezi CAFOB ikaba yariyo gushiraho umugambi wo kurwanya amabi akorerwa abigeme , abakenyezi hamwe n’abana mu karere k’ibiyaga bigari (Uburundi, Urwanda hamwe na Repubrika iharanira intwaro rusangi ya Congo) kuko aribo nkingi y’iterambere.

Kubijanye no kumenya ibituma bikuru haba igitigiri kinini c’abafatwa mu ntara zo mu Buraruko bw’igihugu, Ndayishimiye Antoine avuga ko akenshi biva ku kungene mu Burundi abagabo benshi batitaho ingo zabo aho basiga bagore babo mu hira bonyene, kuguharika hamwe no ku kunywa ibiyayura mutwe vyinshi harimwo n’inzoga.

Umukuru w’ishirahamwe ry’abakenyezi mu Burundi akaba yasavye ko ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini vyoshinga amategeko ruhasha ahana abo bose bazoba bafashwe bahohoteye ubuzima bw’abakenyezi. Ivyo bikazotuma ikibi co gufata ku nguvu gituzwa muri ako karere.


BUKURU Mariella

Messages

  • Tuvugishize ukuri intwaro yankurunziza ntibayubaha kuberiki kuntwaro ya buyoya bayubaha kuberiki nkurunziza batoyuba .gusa gushira ibintu kuri internet mucoza igihuguzi nubutegetsi jew tubana nabatutsi batoro ishamba mugisoda ca sinduhije.muga sirenza induru hejuru ngo mbwire uburundi ibintu nkivyo reka rero guco uburundi this is time for cnd fdd

  • @steeve we ukunda nkuruziza gusumba bashikawe banyokwanyu ’basegen, bashikanyu ’:urikintu iki wewe ???!!baza wibaze abafasoni bafatwa kuguvu? Nabahutu au tutsi au abatwa .uvyarivyo vyose birakwiye kuba???? Aho kuvuga heeeeeeeeeeeeee zeezezzeeeeeee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.