IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Burundi : Abanyeshure bifuza kuja mu gisata c’ubuvuzi bazohora bakora (...)

Burundi : Abanyeshure bifuza kuja mu gisata c’ubuvuzi bazohora bakora ikibazo

samedi 24 Nzero 2015

Guhera ubu abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye bashaka kuja mu gisata c’ubuvuzi, yaba muri kaminuza za Reta canke z’abigenga bagiye kuzokora ikibazo co kwinjira muri ico gisata, nk’uko bishikirizwa na Anastasie Gasogo, umuyobozi mukuru ajejwe inyigisho muri kaminuza.

Ico kibazo kikaba gitegekanywa kuzokorwa kuri uno wa 28 Nzero umwaka w’2015, bakazokora ibibazo mu vyigwa nk’ibiharuro, Biologie, igifaransa , Physique, Chimie hamwe n’icigwa c’icongereza. Kw’igenekerezo rya 28 Nzero bazokora ikibazo c’ibiharuro, Biologie hamwe n’igifaransa. Kw’igenekerezo rya 29 naho bakazokora icigwa ca Physique, Chimie hamwe n’icongereza.

Ivyo bibazo bikazokorerwa mu bigo vya kaminuza , nka Kamenge , Mutanga hamwe na Rohero (IPA). Itangazo n’urutonde rw’abanyeshure bazokora ico kibazo hamwe n’amashure bazokoreramwo bikaba bimanitswe mu kigo ca IPA guhera kuri uno wa 23 Nzero uno mwaka w’2015, nk’uko bibandanywa bimenyeshwa na Gasogo Anastasie.

Tubamenyeshe ko abanyeshure amajana indwi aribo biyandikishije kugira baze bakore ico kibazo kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu gisata c’ubuvuzi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.