Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi: Amatora yo mu 2015 azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Burundi: Amatora yo mu 2015 azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama na (...)

Burundi: Amatora yo mu 2015 azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama na Nyakanga

vendredi 7 Ntwarante 2014

Amatora mu Burundi azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama n’ukwezi kwa Nyakanga umwaka w’2015, ayandi makuru ajanye n’amatora akazotangwa mu gihe kindi nk’uko bishikirizwa na Prosper Ntahorwamiye ajejwe gutanga amakuru mu murwi ujejwe gutunganya amatora CENI (Commission éléctorale nationale indépendante).

Prosper Ntahorwamiye asanzwe ajejwe gutanga makuru muri uwo murwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI, yamenyesheje ko ikirangamisi gikwiye c’ukungene amatora azogenda kitararashirwaho, ariko aca amenyeshako amatora azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama n’ukwezi kwa Nyakanga, umwaka w’2015 , ayandi makuru akazotangwa mu gihe gikwiye nk’uko abandanya abishikiriza.

Prosper Ntahorwamiye, yamenyesheje ko imyiteguro ari yose, mbere ko bamaze kugera ku ntambwe zitari nke mu vyerekeye gutegura ayo matora. Ku bwiwe, ikarata ndangamuntu zishasha z’ubuhinga bwa none (carte d’identité biométrique ) nta ngorane nimwe zizotera, kuko abasanzwe bakurikiranira hafi ivy’amatora hamwe n’imigambwe, bamaze gusaba ko iyo karata ndangamuntu, itokoreshwa mu matora yo muri 2015. Eka mbere n’isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro ntirizotera ikibazo nk’uko yabandanije abivuga.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.