Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi - Ethiopie : 11 batangura mu kibuga bamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - Ethiopie : 11 batangura mu kibuga bamenyekanye

Burundi - Ethiopie : 11 batangura mu kibuga bamenyekanye

samedi 17 Gitugutu 2015, par egide

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA witeguriye kwakira ku muhingamo wo kuri uwu wa gatandatu umurwi nserukiragihugu wa Ethiopie. Umumenyereza w’INTAMBA MU RUGAMBA yamaze gushira ahabona amazina y’abakinyi cumi n’umwe batangura mu kibuga. Kizigenza ni Gael DUHAYINDAVYI wa Vital’O

Abatangura mu kibuga ni ARAKAZA Mc Arthur, Kiza, Rashid Leon, David, Issa, Gael Duhayindavyi, Pistis, Abbas, Shassir, Hassan hamwe na Laudit MAVUGO.

Abasubirizi ni Omar, Vianney Okocha, Nassor, Youssufu Ndikumana (Lule), Rugonumugabo Stephane, Claude hamwe na Francis.

Urwo rukino rubera i Bujumbura kuri uwu wa gatandat igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, akaba ari mu rukurikirane rw’inkino z’ugukurakuranamwo, imirwi yitegurira ihiganwa rya Afrika, ry’imirwi nserukiragihugu y’abakinyi bakina mu bihugu iwabo. Iryo higanwa rizobera mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’2016.

Urwo rukino rutangura igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu (15h30) mu masaha y’i Bujumbura, abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA bagahamagarirwa gusidukana n’iyonka gufata mu mugongo umurwi nserukiragihugu w’Uburundi umaze iminsi wigenza neza, mu gutahukana intsinzi mu nkino zitandukanye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.