IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Evrard Giswaswa ntiyabaye acitaba mu butungane

Evrard Giswaswa ntiyabaye acitaba mu butungane

vendredi 3 Rusama 2013

Uwahoze ari umukuru w’igisagara ca Bujumbura Evrard Giswaswa, kuri uyu wa kane iginekerezo rya 2 Rusama 2013 niho vyari bitegekanijwe ko asubira kwitaba mu butungane ku vyaha 3 yagirizwa.

Evrard Giswaswa yafashwe kw’ igenekerezo rya 11 Ntwarante 2013, yagirizwa ivyaha 3 vyose bijanye n’ igiturire, aha twovuga nko kuba afise amatungo adasiguritse, nko kuba yitwaje ubutegetsi yari afise igihe yari umukuru w’igisagara ca Bujumbura mu gutunganya nabi igisaagra n’ibindi.

Giswaswa rero ntiyabaye acitaba kuko i dosiye yiwe itari bwaje ahabona, yaciye agumizwa mw’ibohero rikuru rya mpimba mu kurindira uwundi munsi azosubira guhamagarwa kugire be n’uwumuburanira bisigure kuvyo arerwa.Giswaswa akaba yafashwe mu gihe ariwe yari arongoye ishirahamwe ry’indege air Burundi


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.