Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi: Hagiye gutangura ivyigwa bizofasha kunganisha imishahara ku bakozi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Burundi: Hagiye gutangura ivyigwa bizofasha kunganisha imishahara ku bakozi (...)

Burundi: Hagiye gutangura ivyigwa bizofasha kunganisha imishahara ku bakozi ba Leta

mercredi 23 Nzero 2013

Umushikiranganji w’abakozi ba Leta no gutegekaniriza kazoza abakozi ,Anociate Sendazirasa,yaramenyesheje ko muri uyu mwaka hazokorwa ivyigwa kubijanye n’ubusumbasumbane bw’ubuzi kugirango bashobore gukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara ku bakozi ba Leta .

Mugihe ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta no gutegekaniriza kazoza abakozi bwariko burashira ahabona ivyo bwaranguye mu mwaka w’2012,uworongoye ubwo bushikirangamji Anociate Sendazirasa yamenyesheje ko muri uyu mwaka w’2013 bazogira ivyigwa kubijanye n’ingene ubuzi bwa Leta butunganijwe,ivyo rero bikazokorwa mu ntumbero yo kunganisha imishahara.Ariko rero nk’uko uwo mushikiranganji yabishikirije ngo bizosaba ibiganiro kubo vyega bose.

Akaba yaranamenyesheje ko muri politike yo kugwanya ubushomeri hari umugambi wo gukora ibikorwa bizotanga ubuzi mu gihugu hagati,ivyo ngo bikazotuma urwaruka rutari ruke ruronka akazi.Uwo mugambi ukazotangura mu gice kigira kabiri c’uyu mwaka,hakaba hategekanywa ko ubuzi 20000 buzoshigwaho mu gihugu cose.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.