IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu biro vy’umukuru w’igihugu bisiguye ku bunyonyezi bagirizwa na (...)

Mu biro vy’umukuru w’igihugu bisiguye ku bunyonyezi bagirizwa na OLUCOME

mardi 21 Gitugutu 2014

Mu biro vy’umukuru w’igihugu ntibahakana ko baguze mw’ibanga imiduga itanu yo mu bwoko bwa V8, ariko bakemeza ko babigize ku mvo z’umutekano, kuko izo modoka zagenewe kwunguruza umukuru w’igihugu n’abategetsi bakomeye bagendera Uburundi. Ku bibazo ivy’indege igiye kuzohora irerura umukuru w’igihugu abarundi batazi amamuko yayo, Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’igihugu yabasavye kurindira iyo ndege ibanze ishike mu Burundi.

Mu rukurikirane rw’ibimaze iminsi bishirwa ahabona mu bijanye n’ubunyonyezi hamwe n’amasoko yo mu kinyegero bikorerwa mu biro vy’umukuru w’igihugu, Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME, kuri uwu wa mbere, yashize ahabona isoko y’imodoka zitanu zo mu bwoko bwa V8 (Jeeps blindés) zo mu biro vy’umukuru w’igihugu zaguzwe mw’ibanga, ariko gushika ubu zikaba zivundiye mu kigo GEMAE. Gabriel Rufyiri yagirije ubushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ko banse gutanga umuco kuko ukwo kugura iyo miduga vyabonetsemwo ubunyonyezi.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu ntibahakana ko iyo soko y’iyo miduga yatanzwe mw’ibanga mu mwaka w’2012, ariko bagasigura ko ari ku mvo z’umutekano, kuko izo modoka zari zigenewe kwunguruza umukuru w’igihugu n’abandi bategetsi bakomeye bagendera Uburundi. Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko amafaranga yaguze izo modoka yavuye mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, mu gisata (rubrique) c’ukugura ibikoresho vya gisirikare, kuko ari ibikoresho vyaguriwe "uwugaba ingabo za gisirikare", ariwe mukuru w’igihugu. Ku vyashikirijwe n’ishirahamwe OLUCOME ko gushika n’ubu izo modoka zikivundiye mu bubiko bwa GEMAE, Léonidas Hatungimana yasiguye ko ari kubera umurwi wari ujejwe kuzisuzuma wasanze zifise utunenge mu bijanye n’ingene zihagarara (système de freinage), cane cane mu misozi, ari naco gituma mu biro vy’umukuru w’igihugu basavye uwari yazizanye ko yoza gukosora utwo tunenge. Léonidas Hatungimana yemeza ko izo modoka zari zikenewe kubw’umutekano w’umukuru w’igihugu, naho zatwaye amafaranga menshi ku gihugu nk’Uburundi gisanzwe gikenye.

JPEG - 1.1 Mo
Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Muri urwo rukurikirane bw’ubwo bunyonyezi, Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’abanyonyeza amatungo ya Reta yarashikirije amakenga yari afise ku ndege igiye kuzorerura umukuru w’igihugu yaguzwe mu kinyegero, bikavugwa ko amwe mu mafaranga yaguze iyo ndege yoba yatanzwe n’ishirahamwe BMM (Burundi Musongati Mining) ryahawe kuzokwimba ubutare bwa Nickel i Musongati, ayandi bikavugwa ko yavuye muri AMISOM, amategeko abanje guhonyangwa, n’inama nshikiranganji itabanje kubimenyeshwa. Gabriel Rufyiri yasavye ko ukuri kwomenyekana kuri iyo indege yaje kugira izorerure umukuru w’igihugu, hakamenyekana abayitanze abo aribo, ntibe yaje nk’igiturire mw’iyimbwa ry’ubutare bwa Nickel bw’i Musongati. Mu biro vy’umukuru w’igihugu ntaco bashima kubivugako, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Léonidas Hatungimana, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, akaba yasavye ko abashaka kumenya ukuri kw’iyo ndege borindira ikabanza igashikanwa mu Burundi.

Tubibutse ko ishirahamwe FONDATION BUNTU ry’umupfasoni w’umukuru w’igihugu ryagirizwa kandi na OLUCOME ko ryahawe n’ishirahamwe BMM (Burundi Musongati Mining) imodoka y’agaciro k’ibihumbi amajana umunani vy’amadorari y’abanyamerika varenga umuriyaridi w’amafaranga y’amarundi), iyo modoka ikaboneka nk’igitutire catanzwe n’iryo shirahamwe BMM ryahawe kwimba ubutare bwa Nickel bw’i Musongati. Mu biro vy’umukuru w’igihugu ntibahakana ko iyo modoka yatanzwe, ariko bakavuga ko vyobazwa abo muri FONDATION UBUNTU, kuko kubwa Léonidas Hatungimana, ico kibazo ntigihura n’urwego rw’umukuru w’igihugu asanzwe avugira.


Egide Nduwimana

Messages

  • Namye ndabivuga naho bamwe murwanya ibitekerezo vyanje. Gabriel naho yokora iki ntabwo barya bantu boroshe.kiretse umusi wabo ushitse.Erega imisi yigisuma iraharuye.

  • UWO MULENGELENGE RUFYIRI KUBERIKI ABAVUGISHA IBITARI BIKENEWE KUVUGIRWA MW IBARABARA...AAAAAH

  • none erega ntagitangaje none ntimwavuze ko muzogira nkabandi. reka twebwe abanyagihugu dupfe nabi.

  • MBEGA UWO NIKOBIMEZE NI UMURUNDI !!!???MUGENZI TUGEZE KURE MURI DEMOCRATIE KANDI NA DD IGOMBA KUMVA KO TWESE DUFITE IJAMBO MU GIHUGU NONE WE WIBAZA GUSUZUGURA ABANTU NGO NTIBATSINZE NIKO???NTA SONI TOT OU TARD ABO BA DD BAZOBIBAZWA KANDI SI KERA ..RUFYIRI RERO SI UMURENGERENGE AHUBWO NI WEWE UTAGIRA IJAMBO UMUKUNGU...RETA IRI REDEVABLE VIS A VIS DE SON PEUPLE NI DROITS ZACU .

  • Rufyiri tugomba kumushigikira erega kuba nkurunziza ari president ntago bisigurako we numugore wiwe bifatira umutungo wigihugu kunyungu zabo babiri no ivyo tugomba kuva hasi tukavyiyamiriza abarundi intwaro zo kutuguniza mugakandamizo nibije ahabona mwumve ako kambaro kibara v8 z’itanu plus 800 millions us $ mbega mumva abarundi turiko tujahe? Igihugu kibaye ica deniza na nkuru, kumutugo wabene burundi nuguhaguka tukamiyamiriza riva abene burundi bariko bapfa n’inzara bangana iki? Akaruha ahaguruka ngo ariko abwira abantu ubutumwa atagirira imbabazi abariko bicwa ninzara igihe kirageze vyose bizoja ahabona komera rufyiri turi inyuma yawe.

  • Vyukuri LEONIDAS YAMA AVUGA UKURI BURI GIHE NDAKUNDA UMUNTU AVUGA IBINTU UKO BIRI
    ABANKA RUFYIRI NABO NABANSI BIGIHUGU
    MUKA PIERRE NKURUNZIZA AHERUKA INO AUSTRALIA GUHENDA ABANTU BIGIRA INTAMA KANDI ARAMABINGIRA YINKAZI CAANE NI NKINGURUBE ZIRYA IVYO ZIVYAYE IYO BARIKO BARYA IVYOFASHIJE ABANYAGIHUGU

  • Rira mwihorere twarinjiranywe afrika yaravumwe hasigaye ahi mana gusa

  • Nabo ni barye. I mpera nimperuka,bazo bida hwa.bahaye bikwegera amakara mumpuzu.gupfukama uburundi na banyagihugu munda.Komera Rufyiri.iyo udasokoroza hari nivyo tuto pfuye tumenye. Ahubwo ni bara.nkurunziza numugore wiwe nti bikwiye nuko bohagarara, murusengero ngo bari kwigisha.ivyo badakora.

  • Ndashimiye ko uyo muvugizi w’umukuru w’igihugu yigenze ubuntu akavuga ukuri na gukeyi kuko nta kuri twari tumenyereye muri gouvernement y’uburundi,hanyuma norangiza mvuga nti igihugu s’ica bagitwara n’icabarundi bose,ubu abarundi baraciye akenge si nka kera nimba bagomba kwigana intwaro zo muri kahise,<<amase ya kera nta gihoma urutaro>>twese turi maso kugira turwanira iteka n’itekane niterambere rya barundi bose,turwanye itotezwa n’agakengerwe ku murundi wese ashaka agateka kiwe ko kubahirizwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.