Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Ifaranga ryarataye agaciro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Burundi : Ifaranga ryarataye agaciro

Burundi : Ifaranga ryarataye agaciro

mardi 16 Kigarama 2014

Ifaranga ry’Uburundi ryataye agaciro muri ano mezi atatu arangiye. Ariko umuntu agereranije n’ibindi bihugu vyo mu karere niryo ryataye agaciro ku rugero ruto, nk’uko bishikirizwa n’umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu.

Nk’uko babigize umugenzo, mw’ibanki nkuru y’igihugu bashize ahabona ca cegeranyo cerekana uko ubutunzi bw’igihugu bwifashe, mu ntumbero yo kurabira hamwe ivyokorwa kugira ifaranga ry’Uburundi rishobore kugumana agaciro.

Nk’uko bishikirizwa na Yohani ciza arongoye ibanki nkuru y’igihugu mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, mu ruganda rwateguwe n’iyo banki, ifaranga ry’ Uburundi ryarataye agaciro muri ano mezi atatu arangiye, ku rugero rwa 0,14pc. Ariko ngo umuntu agereranije n’ibindi bihugu vyo mu karere, ifaranga ry’ Uburundi niryo ryataye agaciro ku rugero ruto cane,nk’uko Yohani Ciza abandanya abishikiriza. Nk’akarorero mu gihugu ca Ouganda ryagabanutse ku rugero rwa 3,04p.c nk’uko biri muri ico cegeranyo.

Umukuru w’ibanki BRB amenyesha ko ibanki arongoye ibandanya ikora ibishoboka vyose kugira ifaranga ry’Uburundi ntiribandanye rita agaciro. Ivyo navyo akaba ari nko kugenzura amafaranga ariko akoreshwa mu gihugu,bakaraba ko amafranga bakoresha aringaniye nayategerezwa gukoreshwa. kuraba ko ibiciro bitaduga cane. Ikindi baragenzura kandi n’ibijanye n’agaciro k’amafranga yo hanze baravye ifaranga ry’ Uburundi kugira ngo ntirihave rigabanuka cane aho rero bararaba bagaha amabanki y’ubudandaji bakayaha amafaranga y’agaciro ,kugira abakura ibintu hanze ntibabure amafranga ngo baje kuyarondera ku masoko ya magendu . Ariko rero no kugwiza umwimbu biri mu vyotuma ifaranga ry’ Uburundi ritabandanya rita agaciro.

Mu gihe muri ico cegeranyo basanze igisata c’uburimyi n’ubworozi kitaronka amafranga yotuma gitera imbere kandi UBurundi ahanini ubutunzi bw’igihugu buhagaze kuri ico gisata, umukuru w’ibanki BRB avuga ko bitumwa n’uko amabanki atinya gutanga ingurane mu bisata bihura n’impanuka nk’uruzuba hamwe n’imvura .


Floxella Karire

Messages

  • Zambia mumyaka 2 iheze $100 yavunjwa hafi ibihumbi 400 kwacha ariko ubu $100 ni ama kwacha 520 gusa.nibegere zambia bababaze uko vyagenze,ibaze umukate muri zambia wahora ugura ibihumbi 7 vyama kwacha ariko ubu ugura 5 kwacha gusa.turashaka amahera yacu muyahe agaciro aho kugura umukate 1000 F ugure 10F

  • Je suis desolée cher ami ushaka ko abari hano baduza agaciro k’ifaranga ry’uburundi.Noguhanura gutahura ko guhindura ibintu uko bimeze ubu arico co nyene cotuzanira kumbure umwizero.Ubwo bwenge butabonetse dans 10 ans passé dans la gestion du bien public ubu ata numwe anafise concentration mu vyo akora kubera iyi psychose ivuye kunteguro mbi y’amatora,ubona ubuariho boburonka?Rondera l’homme qu’il nous faut aujourd’hui et mettez le a la place qu’il faut.Ntayindi nyishu y’ingorane dufise.

  • Vito nawe atariwe akantu avuga kazomufasha gushikira ubutegetsi, umwandakubwire twebwe abarundi baba DD twanatoye DD muri 2010 nirishake nikoroke cankerireke ntiharagera koduheba DD yacu rindira buraca turabibemeza muzopfuma mutwica nkuko mubivuga mukorinani ngonizokugiramutsinde kandimubiziko imigambwe hose iteranije abanywanyi ifise bakwije ibisabwa kobatora bangana million imwe nibihumbi majana indwi numwe (1,701,000) ariko mumenyeko murabo harimwo imigambwe itemera iyomwiratoyanyu ifisemwo abanywanyi bashika icakabiri cabonavuze, DD rero irafise abanywanyi barenga millio 2 guteranya niyindimigambwe yiteguye kuzoyiha abanywa bazotuma DD icironka abazoyitora bazika millios 3 mwebwerero nukugima mudusumvya amarementanya natwe tugumetubasumvya abanywanyi ngivyo ibizotuma tumara imyakanyishi kubutegetsi namwemumare imyakamyishi mumarementanya ukwonikwobimeze ntaconshoboraguhindura cankenamwe ngomubindure.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.