Accueil > Amakuru > Amashuri > Burundi : Igisata c’indero kiritaweho n’abarundi baba mu makungu
Burundi : Igisata c’indero kiritaweho n’abarundi baba mu makungu
vendredi 13 Kigarama 2013
Abarundi baba mu bihugu vya Buraya, barasohoye icegeranyo aho berekana ukwo mu mwaka w’ishure w’2012 abanyeshure bamenye, ndetse bakipfuza ko uyu mwaka w’ishure hoba ukurushirizaho, kugira ubumenyi mu Burundi butere buja imbere, mu gihe ico gisata abatari bake bemeza ko gitituka ukwo bukeye ukwo bwije.
Muri ico cegeranyo rero, bakaba bataze ukwo amashure yagiye ararushanywa mu bibazo bikorwa mu mashure aheza igice canyuma c’amashure yisumbuye. Nk’uko ico cegeranyo kibivuga, abana bateguwe neza kuva mu mashure mato, bituma no mu mashure ya kaminuza baguma biyerekana ko bize, ndetse Uburundi bugaheza bugasohora incabwenge. Abo barundi baba mu bihugu vya Buraya bishinze guteza imbere igisata c’indero mu Burundi, bakamenyesha ko bakorana n’ubushikiranganji bw’indero eka n’ubw’inyigisho za kaminuza. Barakorana kandi n’amashirahamwe y’abahurikiye muri ubwo bushikiranganji.
Mu mwaka w’ishure w’2012 rero bikaba biboneka ko, amashure yisumbuye nk’ishure ryitiriwe mutima Mweranda ry’i Bujumbura riza mu kibanza ca mbere mu mu bisata bitari bike. Ayandi mashure agenda araba aya mbere akaba ari nka Buta, Don Bosco, Indepandante ry’i Bujumbura, Vugizo, SOS ry’i Bujumbura, n’iseminari yo mu Kanyosha.
Aristide Nizigire