IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BURUNDI : Inama z’umugambi uhuza COMESA - EAC - SADC zatanguye

BURUNDI : Inama z’umugambi uhuza COMESA - EAC - SADC zatanguye

mercredi 15 Gitugutu 2014

Igihugu c’Uburundi cakiriye ibikorwa vy’inama igira cumi iri mu rukurikirane rw’ibiganiro bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’akarere k’isoko ritagira inzitizi ariko EAC – COMESA - SADC. Ivyo biganiro vyerekeye ahanini gushigikirana muvy’ubutunzi n’urudandazwa hamwe n’ibindi vyose bijanye navyo.

Mw’ijambo ryo kwugurura ibikorwa vy’iyo nama kuri uno wa 15 Gitugutu, umwunganirizi w’umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko, umupfasoni Clarette Inamahoro yavuze ko uwo mugambi w’ishirwa mu ngiro isoko ry’akarere kagize imiryango COMESA - EAC - SADC wabayeho mu ntumbero yo kugira bashire inguvu hamwe, umuryango umwe wose mu butunzi bwawo kugira bashobore gushigikiranana cane cane mu rudandazwa. Ni akaryo rero k’ayo mashirahamwe uko ari atatu ko guhanahana ubumenyi, amakuru hamwe no kurabira hamwe inzititizi zose zituma urudandazwa rutagenda neza hagati y’utwo turere. Mu majambo make ni akaryo keza ku banyamitahe bifuza gukora urudandazwa rwabo, nk’uko umupfasoni Clarette Inamahoro yabandanije abishikiriza. Yamenyesheje ko Uburundi buzoharonkera akarusho co kimwe n’ibindi bihugu biri kumwe mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

Tubamenyeshe ko iyo nama izosozerwa kuwa 19 Gitugutu. Tubibutse kandi ko gushika kuwa 30 Gitugutu, i Bujumbura, hategekanijwe n’ayandi manama atandukanye mu ntumbero y’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi w’isoko ritagira inzitizi uhuza ibihugu 26 bigize COMESA - EAC - SADC.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.