Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Indwara itaramenyekana imaze kwica abantu 15 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Burundi : Indwara itaramenyekana imaze kwica abantu 15

Burundi : Indwara itaramenyekana imaze kwica abantu 15

samedi 22 Ruheshi 2013

Kugeza kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruheshi , indwara itaramanyekana imaze guhitana abantu 15 mu Ntara za Rutana ndetse na Makamba.
Uwujejwe amagara y ‘abantu mu Ntara ya Rutana, Dr. Irené Ndayisaba yamenyesheje ko iyo ndwara itaramenyekana yatanguye kugaragara ku wa gatatu.

Dr.Ndayisaba yatangaje ko ubwa mbere abarwaye iyo ndwara babonetse mu ntara ya Rutana, mu duce twa Bukemba na Kayogoro, aho barangwa n’ubushuhe bwinshi no kuyorwa bidasanzwe.
Abantu 35 bakaba aribo bamaze kubonwako ibimenyetso vy’iyo ndwara.

Yabandanije avuga ko mu bantu bayirwaye kugeza aya masaha bagera kuri 35 abenshi ari abantu bakuze gusa, akavuga ko bariko baritabwaho bahabwa serumu n’iyindi miti ya ngombwa.

Inyuma yo gutwara ibipimo vy’ababonetseko ibimenyetso i Bujumbura, abantu bagumye bitiranya iyo ndwara na macinya canke ebola.

Mu ntumbero yo kwirinda ko iyo ndwara yakomeje gukwiragira mu banyagihugu muri rusange, abajejwe amagara y’abantu muri izo ntara basaba abanyagihugu kurushirizaho kugira isuku mu guteka amazi, gukaraba, no gusukura ivyo bakoresha n’aho baba .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.