Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Ingorane ziterwa n’ubumwanya zigiye gutorerwa umuti - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Burundi : Ingorane ziterwa n’ubumwanya zigiye gutorerwa umuti

Burundi : Ingorane ziterwa n’ubumwanya zigiye gutorerwa umuti

samedi 29 Ntwarante 2014

Mu Burundi, ubumwanya bwakoreshejwe bwiyongera ku munsi ku munsi, ivyo na vyo bikaba bibangamira ibidukikije, kubera ko budatorwa kugirango busubizwe ku babugurisha canke buhingurwemwo ibindi.

Ubwo bumwanya rero bukaba bubangamira ibidukikije, mu gutosekaza amazi, ikirere eka no guhonya ibinyabuzima. Mu kurindira ko haboneka umugambi nyawo wotorera umuti ico kibazo, birakenewe ko haboneka itegeko riba riratunganya irangurwa, ihingurwa, icuruzwa be n’ikoreshwa ry’ubumwanya.

Tukaba twobamenyesha ndetse ko ikibazo c’ubumwanya gitosekaza ibidukikije mu Burundi, cizwe mu nama nshikiranganji, aho integuro y’ibwirizwa ritunganya irangurwa, ihingurwa, icuruzwa be n’ikoreshwa ry’ubumwanya ryashikirijwe n’Umushikiranganji w’amazi, ibidukikije, gutuganya amatongo n’Ibisagara. Hakaba ndetse hagiye no kujaho umurwi uzotosora iyo nteguro, ufatiye ku ntererano zatanzwe, na cane cane mu kuraba ko ibwirizwa ari ryo rikwiye kubitunganya canke ko atoba amategeko ari ku rugero rwo hasi.

Bimwe mu bihugu biri mu karere Uburundi buherereyemwo nk’Urwanda, bikaba vyaramaze gushinga amategeko yirukana ubumwanya ku butaka. Aha ndetse mu kaba mwomenya ko ata n’umunyamahanga ashobora ku kinjirana muri ico gihugu, abanyagihugu nabo, bakaba basumira mu bikapo, mu ntumbero yo kwibagira ubwo bumwanya.


Aristide Nizigire

Messages

  • nahoturimumahangaturumvakoigihugucacoko.kitifashenezamuriportuqwe.arikokubwumugambi.retayafashe.wubwobumwanya.niwonishiremungiro.ivyobashikirije.kukubushashe.butiturisi.kandagahugukacu.arinagato

  • Biraboneka ko ingorane mu bidukikije ari nyinshi cane mu Burundi.Ikibabaje,n’uko n’amashirahamwe y’Abanyagihugu bato bato bigira inama ngo bagire ico bakoze muri ico gisata basanga kenshi Leta itabafashe mu mugongo.Kenshi baradebukirwa bivuye kukubona badashoboye kuronka uburyo bwo kurangura imigambi biteguruye.BIRABABAJE!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.