IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Intambamyi ziracariho mu bwigenge bwo kumenyesha amakuru

Burundi : Intambamyi ziracariho mu bwigenge bwo kumenyesha amakuru

mardi 22 Ndamukiza 2014

Umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyeshamakuru uri mu gushika mu Burundi, mu gihe hacibonekeza intambamyi zitari nke muri uwo mwuga, kuko hari igihe abamenyeshamakuru baburabuzwa.

Igenekerezo rya 3 Rusama uko umwaka utashe, Uburundi burahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.
Agatonique Barakukuza wo mu murwi uriko utegura ihimbazwa ry’uwo munsi mukuru avuga ko ubwigenge buhari baravye iyo bavuye, kuko hari ibimenyeshamakuru vyinshi bihari, kandi bigashobora gushikiriza amakuru atandukanye naho rimwe na rimwe abamenyeshamakuru bavyo baburabuzwa, abandi bagapfungwa nk’uko vyibonekeje kuri Hassan Ruvakuki mu mwaka uheze w’2013, hamwe n’abamenyeshamakuru bakorera amaradiyo yigenga bamaze iminsi baturatuzwa.

Agatonique Barakukuza atanga uturorero twa Alexis Nibasumba akorera Bonesha FM Rumonge, Alexis Nkeshimana akorera Bonesha FM i Bubanza, hamwe na Eloge Niyonzima akorera RPA, aho bamaze iminsi barengutswa bongera bagirwako iterabwoba bivanye n’amakuru bashikirije.

Agatonique Burakukuza amenyesha ko yizera ko kuri iryo genekerezo rya 3 Rusama azoba ari akaryo keza ko kuganira hagati y’abamenyeshamakuru hamwe n’abarongoye igihugu.


Floxella Karire

Messages

  • Ni mwe mutazi neza amabanga mujejwe ntimuzobeshere abategetsi. Muzozza muravuga amajambo acanisha mwo abarundi mugirango bazobihanganira. Muraturira gusa naho ngirango muha akazi abo mutoye mwibarabara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.