Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Inyigisho mu mashure ziriko zirisunga izo mu karere ka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Burundi : Inyigisho mu mashure ziriko zirisunga izo mu karere ka (...)

Burundi : Inyigisho mu mashure ziriko zirisunga izo mu karere ka EAC

mardi 23 Nyakanga 2014

Ubushikiranganji bw’indero bwifatanije n’ubw’iyinjira ry’Uburundi mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, bwatunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru, aho ubwo bushikiranganji bumenyesha ko hakiri bimwe bikigoranye mu nteguro y’ivyirwa mu kwisunga akarere Uburundi burimwo.

Mu bushikiranganji bw’indero bavuga ko bariko baragerageza mw’itunganywa ry’ishure nshingiro mu gihe bibonekako iryo shure rigifise tumwe mu tugorane na cane cane ko ariho rigitangura mu Burundi. Ku bwa Chantal Bajinyora umuyobozi w’igisata c’indero mu bushikiranganji bw’indero, avuga ko naho ishure nshingiro rimaze imyaka mike ritanguye, Reta y’Uburundi imaze gukora ibitari bike, haba mu kwubaka amashure, gutanga inyigisho ku bigisha no kuronderera ibitabu abanyeshure.

Ku kibazo c’ukwo ubumenyi bw’abanyeshure buriko burasubira inyuma aho gutera imbere, Bajinyora akaba yishuye ko ubumenyi butotera busubira inyuma kandi abigisha bama baronswa inyigisho ku vyirwa bishasha bisa n’ivyatanguye mu mashure nshingiro. Aha akavuga nk’ururimi rw’icongereza, igiswahili, n’icirwa c’ukwitunganiriza imigambi n’imyuga, abigisha mw’ishure nshingiro bama bariko barahabwa inyigisho zavyo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.