Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwinjiye mu mugambi wo gukorera ku mugaragaro ku mashirahamwe (...)
Uburundi bwinjiye mu mugambi wo gukorera ku mugaragaro ku mashirahamwe acukura ubutare
mercredi 21 Nzero 2015
Reta y’Uburundi yatangaje icese iyinjira ry’Uburundi mu mugambi ITIE wo gukorera ku mugaragaro ku mashirahamwe acukura ubutare mu Burundi, nk’uko bishikirizwa na Come Manirakiza, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka.
Mw’ihuriro ridasanzwe ry’inama mpuzamakungu mu karere k’ibiyaga binini ryabereye i Lusaka muri Zambiya igenekerezo rya 15 Kigarama 2014, igihugu c’Uburundi hamwe n’ibindi bihugu bihurikiye mu muryango w’ibihugu n’ama Reta bigize akarere k’ibiyaga binini, carashize umukono kw’itangazo rigizwe n’ingingo zitandatu zerekeye kurwanya gucukura ubutare, ukugurisha amatungo kama bidaciye mu mategeko, muri izo ngingo hakaba harimwo ukwinjira mu mugambi wo gukorera ku mugaragaro ku mashirahamwe acukura amatungo kama, nk’uko bibandanya bishikirizwa n’umushikiranganji Côme Manirakiza.
Kubw’uwo mushikiranganji kandi, uwo mugambi ni ntangere mu guteza imbere iterambere rirama n’ukurandurana n’imizi ubukene nk’uko bitegekanijwe n’umugambi w’igihugu wo kurwanya ubukene, utunganya uko igisata c’ubutare cokwinjiza mu kigega ca Reta ibice mirongo itatu kw’ijana (30%).
Kw’isi yose ibihugu miringo ine na bitanu akaba arivyo bimaze kwinjira muri uwo mugambi ITIE, miringo ibiri n’umunani birimwo nyezina, ibindi cumi n’indwi bikaba birindiriye kwemererwa.
Tubamenyeshe ko ivyo umushikiranganji Come Manirakiza yabishikirije kuri uno wa 20 Nzero mu gihe ubushikiranganji arongoye bwari buramutse bushira ahabona ibikorwa vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka urangiye w’2014, bwongera bumenyesha ivyo bugiye kuzokora muri uno mwaka w’2015.
Imigambi mikuru mikuru ikaba yararanguwe nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji Come Manirakiza, nko mu gisata c’amasoko ntanganguvu, harashoboye kwubakwa ingomero, barashoboye n’ugutanga umuyagankuba ku mavuriro no ku makomine yo mu ntara zimwe zimwe.
Floxella Karire
Messages
21 Nzero 2015, 19:55, par Nuwsra
Nicogituma injavyi zimaze imisizikazanya ngozijekubutegetsi kunguvu zarumvise komu Burundi ivyimburwa bigeyekwera!!!