Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - Kenya : Abakinyi b’INTAMBA batangura mu kibuga
Burundi - Kenya : Abakinyi b’INTAMBA batangura mu kibuga
mercredi 25 Munyonyo 2015, par
Abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA biteguriye urukino rwa kabiri ruza kubahuza n’igihugu ca Kenya, mu rukurikirane rw’inkino za CECAFA CHALLENGE CUP 2015 ririko ribera mu gihugu ca Ethiopie. Urukino rwa kabiri rw’Uburundi ruba kuri uwu wa gatatu, mu rukino rwa mbere Uburundi bukaba bwatsinze Zanzibar kimwe ku busa.
Urwo rukino rw’Uburundi na Kenya rubera i Awassa, kuri uwu wa gatatu, igihe c’isaha zitandatu n’iminota mirongo itatu ku masaha y’i Bujumbura. Abakinyi bose bakaba bifashe neza.
Abakinyi b’Uburundi batangura mu kibuga mu rukino na Kenya
Arakaza Mc Arthur, NDUWARUGIRA Christophe batazira Lucio, Nizigiyimana Abdoul Karim, HAKIZIMANA Issa, HABARUGIRA David, NDAYISENGA Faadi, NDIKUMANA Yussuf Lule, AMISSI Cedric, DUHAYINDAVYI Gael, Kavumbagu Didier hamwe na Tambwe Amissi.
Abasubirizi :
NZOKIRA Jeff, NIYONKURU Nassor, Kiza FATAKI, Rugonumugabo Stephane, BARENGE Pistis, Laudit MAVUGO, NAHIMANA Shassir.
IGIHE
Messages
25 Munyonyo 2015, 17:30, par NIYUKURI VIVIACK
Reka Twipfurize Amahirwe Intamba Mu Rugamba Mugabo Abdelmalek Naw Nyen Yari Kubaherekeza P6 Marc Arthur Terimber Tur Inyuma Yaw
25 Munyonyo 2015, 20:02, par Manirakiza Innocent
Vyagenze Gute Ku Rukino Rw’ Uburundi Na Kenya
25 Munyonyo 2015, 21:24, par Frd
Komer
26 Munyonyo 2015, 06:49, par SIMON
UBURUNDI,NDABWIPFURIZA,INCINZI,IBITEGO,2 NTIBAGIREUBWOBA