Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi - Namibie : Shassir na Yamin Selemani batangura mu kibuga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - Namibie : Shassir na Yamin Selemani batangura mu kibuga

Burundi - Namibie : Shassir na Yamin Selemani batangura mu kibuga

mardi 29 Ntwarante 2016, par egide

Abakinyi babiri b’abasatirizi NAHIMANA Shassir hamwe na NDIKUMANA Yamin Selemani batari batanguye mu rukino rwa mbere rwahuje Uburundi na Namibie bashizwe ku rutonde rw’abatangura mu kibuga mu rukino rwo gusubiriza ruba ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, mu gihugu ca Namibie.

Mu rukino rwa mbere, abo bakinyi babiri bari banjiye mu gice ca kabiri c’urukino, ariko bakaba bashitse bahindura vyinshi muri urwo rukino, bamwe mu barorerezi bakaba bamenyesheje ko umumenyereza yari kuba yabashize mu batangura mu kibuga.

Umunyezamu Mac Arthur ARAKAZA atangura hanze, akaba asubiriwe na NZOKIRA Jeff akina mu gihugu ca Djibouti.

Kuri urwo rutonde rw’abatangura mu kibuga, abasatirizi Tambwe Amissi na Dugary NDABASHINZE ntibariko. Mu rukino rwa mbere, Uburundi bukaba bwatsinze na Namibie ibitsindo bitatu kuri kimwe.

Abakinyi batangura mu kibuga

1. NZOKIRA Jeff
2. NIZIGIYIMANA Kharim
3. NDUWARUGIRA Christophe batazira Lucio
4. NSHIMIRIMANA David
5. NSABIYUMVA Frederic
6. KWIZERA Pierrot
7. Amissi Cedric
8. Papy Faty
9. Abdul Razzak Fiston
10. NAHIMANA Shassir
11. NDIKUMANA Yamin Selemani


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.