Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu murwi Burundi Peace One Love bati : "Fight against Injustice" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Mu murwi Burundi Peace One Love bati : "Fight against Injustice"

Mu murwi Burundi Peace One Love bati : "Fight against Injustice"

mardi 28 Nzero 2014

Abaririmvyi bahurikiye mu murwi «Burundi Peace Music One Love» bariko bitegurira guhimbaza umunsi mukuru w’Ubumwe bw’Abarundi n’ururirimbo rushasha hamwe no kwerekana ku mugaragaro urukurikirane rw’abo rwa mbere.

Kw’igenekerezo rya 05 Ruhuhuma 2014, umurwi «Burundi Peace Music One Love» uzokwifadikanya n’Abarundi mu guhimbaza umunsi mukuru w’Ubumwe bw’abarundi. Kuri uwo munsi, ururirimbo rw’umurwi «Tsimbataza Ubumwe» ruhamagarira Abarundi gutsimbataza ubumwe rwaramaze gukorwa neza, ruzoshirwa ku mugaragaro kuri uwo munsi. Hazoba ari ku kibuga c’i Muramvya, aho abanyamuramvya bazoba bariko bahimbariza umunsi mukuru w’Ubumwe bw’abarundi. Uwo munsi nyene, hazoshirwa ahabona urukurikirane bise« Intimba y’abanyororo» rugizwe n’indirimbo 10. Ayo makuru tuyahabwa na "Américain" ariwe Ntirampeba Carton, ari mu murwi Burundi Peace One Love.

Inyuma y’iryo sango "kamarampaka", uwo murwi uriko utegura igiteramo kizobera mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge. "Américain" amenyesha ko ico giteramo kizoba gifise iciyumviro co kurwanya akarenganyo. Ubwo butumwa buseruka buva mu ruririmbo «To fight against Injustice». Vyinshi bijanye n’ico giteramo tuzobigarukako.

Dusubiye inyuma gato, dusanga indirimbo z’uwo murwi zishimikira ku bintu nk’akarenganyo, kubabazanya n’ibindi. Américain asigura avuka ko atazibagira ipfungwa ry’akarenganyo ry’imyaka 10 mu Mpimba, asanga rero hari n’abandi bapfa canke bagapfungwa ataco bazira. Arangiza avuga ko azokwama arwanya akarenganyo aho azoba ari hose «To fight against injustice»

Raba wongere wumvirize ubutumwa buri muri uru ruririmbo


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.