IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Uburyo bushasha bugiye gufasha kugabanya ubushomeri mu (...)

Burundi : Uburyo bushasha bugiye gufasha kugabanya ubushomeri mu gihugu

samedi 17 Rusama 2014

Ubushoneri, ukutagira ubuzi, kuva mu buzi hakiri kare no kubura ubuzi burundu mu gihe umuntu yarakibasha gukora, ni bimwe mu ngorane zugarije igisata c’abakozi n’akazi, zatumye Reta y’Uburundi ishinga uburyo (poritike) bushasha bwo kuronsa ubuzi abatabufise.

Mu ntumbero yo kugabanya ubushomeri hamwe no kubura ubuzi mu Burundi, hashizweho uburyo bwo gufasha kuronsa ubuzi kubatabufise mu gushinga ikigo kizofasha gukurikirana kuronka ubuzi.
Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bukaba bwatunganije inama kuri uyu wa gatanu wa 16 Rusama 2014 yari igizwe n’urwego rwafashije gushiraho uburyo bwo gushinga ubuzi kubabukenye mu ntumbero yo kuzanira inyishu y’ibibazo bihanze ibisata nka vyose mu gihugu.

Iyo nama ikaba yari yitabwemwo n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, umushikiranganji w’abakozi n’akazi, abashingamateka, abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi, abayobozi baserukira abandi mu buzi, uwuserukira abakozi, uwuserukira ama syndika, n’abandi banyecubahiro.
Mw’ijambo ryo gutanguza ibikorwa vyo kwemeza uburyo bushasha bwo kuronsa ubuzi abatabufise, kuri uyu wa gatanu wa 16 Rusama 2014, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri yamenyesheje ko umugambi wo gufasha kuronsa ubuzi abugarijwe n’ubushomeri uje hageze, na rirya imice nka yose y’igihugu yari isanzwe yugarijwe n’ubukene bw’akazi. Abageramiwe kurusha abandi akaba ari urwaruka hamwe n’abakenyezi. Kubwiwe, uwo mugambi uzotuma igitigiri c’abugarijwe n’ubushomeri mu gihugu kigabanuka.

Umushikiranhanji w’abakozi n’akazi, Annonciate Sendazirasa, akaba yamenyesheje nawe ko uburyo bushasha bwashinzwe bugiye kuzofasha abantu kuronka ubuzi, bwinjira mu mugambi w’igihugu wo kurwanya ubukene.
Muri uwo mugambi washinzwe, umushikiranganji Sendazirasa amenyesha ko hari ikigo gishasha canshinzwe kizofasha gukurikirana kuronka akazi no kugira ibiharuro vyerekana ubuzi buhari mu gihugu, kizofasha cane cane urwaruka, abakenyezi n’abagendana ubumuga. Kizofasha abo bose bugarijwe n’ubushomeri kuronka inyigisho zizobatuma bashobora gutanguza ubuzi. Kizofasha kandi kunagurira ubwenge abari bafise ubuzi hanyuma bakabubura, kugira babone ukungene boronka ubundi.
Kugira ikibazo c’ubukene bw’ubuzi gitorerwe inyishu n’ingonga, umushikiranganji w’abakozi n’akazi ahamagarira abantu kuvyara bisunze irondoka rijanye n’amagara meza kuko basanze ariyo ntambamyi nyamukuru ituma n’ubuzi bubura kubw’ubwinshi bw’abantu mu gihugu.

Mwomenya ku mwaka ku mwaka mu Burundi, haguma hiyongera ibice bibiri n’igice vy’abantu, mu gihe abagera kuri 80 kw’ijana badafise n’ica gatanu c’itongo ryo kurimamwo.


Mariella Bukuru

Messages

  • Kuvuga no gukora ni 2 bitandukanye. Imigambi irafatwa ariko nuko ar-iyifasha bamwe. Mbe muzoca mureka kamwana wa mama. Muracari kure ndababwira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.