Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwahora aserukira Ubushinwa mu Burundi yasozereye ikiringo ciwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uwahora aserukira Ubushinwa mu Burundi yasozereye ikiringo ciwe

Uwahora aserukira Ubushinwa mu Burundi yasozereye ikiringo ciwe

lundi 19 Nzero 2015

Uwahora aserukira igihugu c’Ubushinwa Yu Xuzhong, mu Burundi yarangije ikiringo ciwe co kuba muri ayo mabanga, akaba yipfurije Uburundi n’abarundi kuzogira amatora meza.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri yahaye umubonano uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, ariwe Yu Xhuzong, uwo nawe akaba yaragiye kumusezera kuko ikiringo ciwe co kuba muri ayo mabanga carangiye. Abo bategetsi uko ari babiri bakaba bavuganye ibimaze kurangurwa n’ico gihugu c’Ubushinwa mu Burundi, mu gisata c’amagara y’abantu, mu gisata c’indero, igisata c’uburimyi, igisata c’amasoko ntanganguvu n’ibindi.

Igihugu c’Ubushinwa nico catsindiye isoko ryo kwubaka ibitaro vy’i Karusi, hamwe n’isoko y’urugomero rwo ku Mpanda. Nk’uko icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yabishikirije, igihugu c’Ubushinwa carafashije kandi mu gutanga imfashanyo igihe haba imyuzurira yahitanye abantu n’ibintu muma karitiye yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, na cane cane mu Gatunguru.

Yu Xuzhong yahora aserukira Ubushinwa mu Burundi yipfurije Uburundi kuzogira amatora meza. Kuri uwu wa mbere nyene, uwo mushitsi yabonanye kandi n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza, nawe nyene akaba yashimye ibikorwa vyaranguwe nico gihugu mu Burundi, harimwo igikorwa c’abazokwubaka ikirimba c’umukuru w’igihugu.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza akaba yamusavye gushigikira Uburundi mu matora bwimirije muri uwu mwaka w’2015.

Tubamenyeshe ko Yu Xuzhong yari amaze imyaka ine n’igice ari muri ayo mabanga yo guserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.