Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Ukungene igisata co gutorokanya amakori cifashe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Burundi : Ukungene igisata co gutorokanya amakori cifashe

Burundi : Ukungene igisata co gutorokanya amakori cifashe

mercredi 26 Ruhuhuma 2014

Naho hacibonekeza utunenge tumwe tumwe nko kurya ibituririre mu gisata co gutororokanya amakori, mu kigo OBR (Office Burundais des Recettes) bamenyesha ko habaye uturusho tutari duke, twagiye turibonekeza muri ico gisata.

Mu kiganiro yahaye Jonathan Bhalla, umuyobozi ajejwe igisata c’ubushakashatsi muri ARI (Africa Research Institute), Kieran Holmes, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR yarerekanye ingene ico kigo cateye intambwe mu gutotokanya amakori, kuva gitangura gukora mu Burundi.

JPEG - 97.5 ko
Kieran Holmes, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR

Umuntu yihweje kuva mu ntango yaho ico kigo OBR catangura kurangura imirimo yaco, Kieran Holmes avuga ko igikorwa co gutororokanya amakori kitari coroshe inyuma y’intambara, kuko ataguhanahana amakuru gukwiye kwari guhari. Mu mwaka w’2009, mu mahera yari yasohotse, Reta y’Uburundi yagarukanye gusa imiriyoni 301 z’amafaranga y’amarundi.

Iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, ryatuma Reta y’Uburundi ifata ingingo yo gukorana n’ibindi bihugu bigize uwo muryango kugira ishobore kwinjira nayo mw’isoko rigize ako kerere. Ari naho yaciye ihindura n’uburyo yahora ikoresha mw’itororokanya ry’amakori ibicishije mu kigo cayo OBR.
Kugira igikorwa co gutororokanya amakori mu buryo buhanitse gishoboke mu gihugu nk’Uburundi bwari buvuye mu ntambara, vyasavye ko bongereza abakozi bahora bakora ico gikorwa, bongera barabigisha uburyo bushasha bwo gutororokanya amakori.

Muti none akamaro kari akahe mu guhindura uburyo bwahora bukoreshwa mu gutororokanya amakori bwakorwa n’ama douane ubwa mbere? Kieran Holmes avuga ko kwari ukugira borohereze igisata c’ubudandanji kuva aho Uburundi bwinjiriye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.
Ikibazo nyamukuru ikigo OBR kigifise gushika ubu, akaba ari kurwanya ibiturire impande zose. Iyindi ntambanyi nayo ikicibonekeza muri ico kigo, akaba ari ukungene abanyagihugu bataratahura igituma bategerezwa kuriha itagisi nyongererezagaciro.

Naho hari ubusumbasumba bw’ubututunzi, bimwe mu bisabwa vyokorwa, akaba ari uko igikorwa co gutorokanya amakori cokorwa co kimwe no mu bihugu vyose bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.