Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Umugambi w’amagara meza ku bavyeyi n’ibibondo uriko uratera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Umugambi w’amagara meza ku bavyeyi n’ibibondo uriko uratera (...)

Burundi : Umugambi w’amagara meza ku bavyeyi n’ibibondo uriko uratera imbere

mardi 28 Nzero 2014

Umugambi w’igihugu w’irondoka rijanye n’amagara meza ku bavyeyi n’ibibondo uriko uratera intambwe ishimishije n’aho hakiriho ibikwiye gukorwa bindi kugira ntihagire umuvyeyi canke umwana yitaba Imana mu gihe co kwibaruka.

Mu mugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza, kuri uno munsi igenekerezo rya 28 Nzero 2014, batunganije uruganda rwo gushirahamwe ivyavuye mu cegeranyo cakozwe n’abahinga bashizweho n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban ki Moon mu mwaka wa 2010. Intumbero ikaba ariyo kurabira hamwe intambwe igihugu cose gishitseko muri uwo mugambi, inzitizi zihari hamwe no kurabira hamwe ko uburyo bwashizwemwo bukwiye bagereranije n’ivyitezwe kurangurwa.

Muvyo rero mu Burundi bari biyemeje ahanini baramaze kubishikako, nk’uko tubimenyeshwa na Juma Ndereye asanzwe arongoye umugambi w’igihugu ujanye n’irondoka rijanye n’amagara meza. Ku cerekeye kwongereza igitigiri c’abakenyezi bibarukira ku mavuriro, bari bipfuje ko mu mwaka w’2015 boba bashitse ku bice 85 kw’ijana mu mwaka w’2015, mu 2013 bakaba bashitse ku bice 71 kw’ijana. Ibitigiri vy’abakoresha uburyo bwo gutandukanya imvyaro navyo nyene vyarongerekanye, intumbero yari uko mu mwaka w’2015 boba bashitse ku bice 30 kw’ijana, mu mwaka w’2013 ibiharuro bikaba vyari bigeze ku bice 28 kw’ijana. Mu gihe haba isubirwamwo ry’uwo mugambi, baciye bongerako biha ibindi bice 10 kugira bicike 40 kw’ijana mu mwaka w’2015. Iyindi ntumbero bari bihaye n’uko ibitigiri vy’abakirizi babinonosoye vyokwongerekana. Bari bipfuje ko mu mwaka w’2015 boba bashitse ku bakirizi 250. Mu mwaka w’2013 bashitse ku bakirizi 180, ubu hakaba habura 70, bakizera ko muri uno mwaka usigaye bazoba baronse ubumenyi abo basigaye. Ariko rero, nk’uko tubandanywa tubimenyeshwa na Juma Ndereye, n’abo ntibazoba bakwiye kuko kw’ivuriro rimwe ryose vyari bikwiye ko habaho umwakirizi yabinonosoye.

Urwo ruganda rwari rwuguruwe icese n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida Sabine Ntakarutimana, ari kumwe n’uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu riraba amagara y’abantu OMS (Organisation Mondiale de la Santé), hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saidi Juma.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.