Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Umuryango wa AGNES DURY uri mu birori vyo kumwibuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Burundi : Umuryango wa AGNES DURY uri mu birori vyo kumwibuka

Burundi : Umuryango wa AGNES DURY uri mu birori vyo kumwibuka

mardi 9 Mukakaro 2013

Séverine Dury, François Danel, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Action contre la Faim bari kumwe na Maître Benoit Chabert bari mu rugendo mu Burundi kugira bifadikanye n’abandi mu birori vyo kwibuka imyaka hafi itandatu iheze umufaransakazi Agnès Dury agandaguwe, bongere berekane ugushaka bafise ko ukuri kwoja ahabona ku rupfu rw’uwabo, maze ubutungane bukore.

Abo baje mu Burundi bakiriwe na Jean Lamy aserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi, Maître Raphaël Gahungu asanzwe ariwe akurikirana ivy’urwo rubanza mu Burundi hamwe na mwenewabo na Agnès Dury, bakaba baje mu birori vyo kwibuka uwo mwigeme yagandaguwe mw’ijoro ryo kuwa 31 Kigarama 2007. Si ivyo gusa, baje no gukurikitana urwo rubanza rugiye gusasa muri sentare y’i Gitega.

Inyuma y’iyo myaka hafi itandatu iheze Dury agandaguwe, mu ntara ya Ruyigi hagiye kwubakwa icibutso mu gisagara aho yarangurira ibikorwa vy’akazi kiwe mu mugambi : "nutrition VIH" imbere y’uko ahitanwa n’urusase yarashwe n’abantu bataramenyekana ku genekerezo rya 31 Kigarama 2007. Ikindi cibutso naco kijoshirwa i Bujumbura mu kigo "Maison des volontaires"


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.