Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashure yisumbuye abiri yahagaritse ivyigwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amashure yisumbuye abiri yahagaritse ivyigwa

Amashure yisumbuye abiri yahagaritse ivyigwa

mardi 7 Rusama 2013

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Rusama, amashure abiri yisumbuye ariyo ishure ryisumbuye ryo mu Kibimba mu ntara ya Mwaro hamwe n’ishure rya komine Muresi mu ntara ya Makamba ari muri yegereyegere.

Abanyeshure bo mu Kibimba basaba ko bokwongererezwa imfungurwa kuko izo baronswa ku murango zidakwiye. Aho kw’ishure ryo mu Kibimba harononekaye ibitari bike muri iyo yegereyegere nk ‘ibiyo vy’amadirisha y’amashure hamwe n’inyubakwa y’uburiro, eka kandi hariho n’abanyeshure 9 bakomeretse, ubu bariko baravurwa nk’uko bishikirizwa na Simoni Ngendakumana, umuyobozi w’indero mu ntara ya Mwaro.

Kw’ishure rya Muresi naho abanyeshure bagize yegereyegere basaba amanota y’igice ca kabiri mu gihe abigisha bayimanye basaba ihagarikwa ry’umuyobozi wabo kuko abigisha bamwagiriza amakosa menshi.

Mu nama umuyobozi w’amashure muri komine yagirishije abigisha bo kuri iryo shure harimwo n’umuyobozi wabo, ntaco yashitseko kuko abo bigisha bavuga ko ibibazo vyabo bitatorewe umuti ari naco gituma badashaka kubwira amanota abo banyeshure bari muri yegereyegere.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.