Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - Zanzibar : Christophe NDUWARUGIRA (Lucio) ntari mubatangura mu (...)
Burundi - Zanzibar : Christophe NDUWARUGIRA (Lucio) ntari mubatangura mu kibuga
samedi 21 Munyonyo 2015, par
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA ukina urukino rwawo rwa mbere kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Munyonyo 2015, isaha umunani ku masaha y’i Bujumbura. Urutonde rw’abakinyi batangura mu kibuga rubonekako abasatirizi bazwi ko babona cane izamu nka Amissi Cedric, Kavumbagu Didier na Mavugo Laudit.
Mu gihugu ca Ethiopie ahaza gutangura inkino za CECAFA CHALLENGE CUP 2015, abakinyi baserukiye Uburundi bose bifashe neza, kiretse Tambwe Amissi atarahamvya bagenzi we i Addis Abeba.
Muri urwo rukino rwa mbere na Zanzibar, kizigenza ni Karim NIZIGIYIMANA batazira Makenz. Kuri urwo rutonde, umusatirizi Christophe NDUWARUGIRA akinira Chibuto FC de Mozambique aboneka mu basubirizi.
Cumi n’umwe batangura mu kibuga
Arakaza Mc Arthur, Kiza Fataki, Nizigiyimana Karim (Capitaine), Nshimirimana David, Hakizimana Issa, Nahimana Shasiri, Ndikumana Yussuf Lule, Ndayisenga Fwadi, Amissi Cedric, Kavumbagu Didier, hamwe na Mavugo Laudit.
Abasubirizi
Nzokira Jeff, Biha Omar, Niyonkuru Nassor, Rugonumugabo Stephane, Barenge Pistis, hamwe na Nduwarugira Christophe batazira Lucio.
IGIHE
Messages
21 Munyonyo 2015, 12:33, par Abdoulkarim
Fiston abdoul azak na saido ntibazonkiza ko tutabumvisemwo habuziki ngo baze gukinira igihugu cabibarutse?
21 Munyonyo 2015, 13:10, par John Robison
Intamb Murgamb Nimukomer Turi Inyuma Yanyu Ariko Murabe Groupe B Mutinye Uganda Kand Ndabipfurije Intsinz.Ariko Na RDC Mwarakiny.Ntitwobura Chan Mondial.Mupfume Muduteturura Muri Cecafa.
21 Munyonyo 2015, 14:13, par ZENO
TUBIFPURIJE INSTINZI
22 Munyonyo 2015, 02:21, par ndayishimiy samuel
mbega vyagenze gute kuruki gwa zanzibar nuburundi
5 Ruhuhuma 2017, 21:09, par THERANCE
JEWE VREMENT URWORUKINO RWANEJEREJE NDABASHIMIYE KUBONA MWARARWITAVYE .