Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwahawe umwaka umwe wo gukora amatohoza ku bwicanyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwahawe umwaka umwe wo gukora amatohoza ku bwicanyi (...)

Uburundi bwahawe umwaka umwe wo gukora amatohoza ku bwicanyi ndengerabutungane

lundi 10 Munyonyo 2014

Inyuma y’inama y’urwego rukurikirana agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Uburundi bwahawe umwaka umwe kugira busigure ibijanye n’ubwicanyi ndengerabutungane (exécutions extrajudiciaires) n’ihohoterwa rya kiremwa muntu vyagirizwa abajejwe intwaro.

Kuva kw’igenekerezo rya 8 gushika kurya 9 Gitugutu 2014, i Genève harakoraniye inama y’urwego rukurikirana agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Mu cegeranyo ca nyuma c’iyo nama, urwego rukurikirana agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rwamenyesheje ko rutewe impungenge n’ibitigiri vy’abantu babandanya kugandagurwa mu Burundi, bikagirizwa rimwe na rimwe abajejwe umutekano. Muri ico cegeranyo, Uburundi bwahawe umwaka umwe gusa, gushika ku genekerezo rya 31 Gitugutu 2015, kugira bube bwamaze gukora amatohoza, ataho yegamiye, abazokwagirwa n’ubwo bwicanyi bahanwe hisunzwe amategeko.

Ico cegeranyo kiravuga kandi n’ihohoterwa rya kiremwa muntu rikorwa n’abaporisi hamwe n’abakorera urwego rw’igendereza, abakuru b’izo nzego bakabirenzako uruho rw’amazi. Mu rwego rukurikirana agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bavuga ko muri ico kiringo c’umwaka umwe, Uburundi buzotegerezwa kuba bwahejeje amatohoza, hamwe n’ugushengeza mu butungane azokwagirwa n’ivyo vyaha.

Ico cegeranyo gisaba kandi Reta y’Uburundi ko yosubiramwo itegeko rigenga umwuga wo kumenyeshamakuru, kuko risa n’iryaka uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbe abo bashenzi babazungu aho ubona badafise ico barondera kumuntu yitwa umuhutu?nimuhaguruke nimba umuhutu mutamukeneye kuriyisi mubamare.mubonak uburundi buhohotera Abantu kurusha urwanda?murakicwa nibinyoro

  • aho nuko bazi ivyo vyegeranyo mu makaratasi gusa, bomenya mu ma karatiye ngaha mu gisagara ukuntu dd igandagura abantu ukuri kwamye ntacamira mwovuga binze ivyo.

  • Kubusanzwe umwicanyi akwiYe kwicwa.Ibintu n’amatungo birarihwa ariko ubuzima bwumuntu ntiburihwa.Nico gituma umwicanyi yarakwiye kwicwa nabajejwe KWICA abicanyi bo mugihugu.

  • Hahaha ewe sylvestre uratwenza muga ntanuwoshavura nivyuvue kuko nihugeza,sukobimeze muhungu,hariho n’abatutsi barigufasha iyi leta kwica abanyagihugu bunyamaswa.Rindiragato haze ubutegetsi..nimba mwarimuzi ko uburundi arizinga ryigenga,ahomwica ukomushatse..nibabe barubaka ubundi busho,yaba hari igihano cokwica mwokwicwa kurya mwica abandi.ukuri kuzotinda kuza vyose bijahabona.

  • Hahaha ewe sylvestre uratwenza muga ntanuwoshavura nivyuvue kuko nihugeza,sukobimeze muhungu,hariho n’abatutsi barigufasha iyi leta kwica abanyagihugu bunyamaswa.Rindiragato haze ubutegetsi..nimba mwarimuzi ko uburundi arizinga ryigenga,ahomwica ukomushatse..nibabe barubaka ubundi busho,yaba hari igihano cokwica mwokwicwa kurya mwica abandi.ukuri kuzotinda kuza vyose bijahabona.

  • Icambaje n’uko bashaka ngo les homosexuels bishire bizane mu Burundi? Ku bindi vyose twohahuriza ariko atari ukuduhatira ku mategeko atuma imico n’akaranga vy’igihugu cacu bizimangana!

  • Hahhaaa komutanguye gutumunwa nibiki nkaba biyita ba Sylvestre nkaba nizambonerakure nyene murazi abantu mwamaze mugandagura bazirubusa ahubwo uburundi bugiye kuba akumiza narirya bavuye ondes ubu bari mubanyagihugu reka muze mwumve akayarwa ahubwo abanyagihugu nibatangure birarire intwaro yaba DD niyokwica gusa nukwiba

  • KUBWANJE ITEGEKO RYA BASANGIYE IBITSINA BAKABIRA NTIBOSINYA.KUKO N’IMANA YARIKUREKA UMUGABO AKABAHO WENYENE.

  • jew kubwanj amatohoza amwamw yariyatanguy kuri bamwa baribatanguy gufatwa mugabobarekuw nibabanze babasubiz mugasho canecan rwmbe nabandi

  • MBE U RWANDA MU RURONDERA KO IKI ?IYO IVY,IWANYU BIBANANIYE MUVUGA URWANDA?MBE HARI UWABABESHE KO URWANDA ARI PROVINCE Y’UBURUNDI?KOMUNIGAGURAABO MWAKAGOMVYE GUFATANYA MUITERAMBERE RYANYU MUZOTERA IMBERE GUTE?ABAZUNGU BARABAHENDA SHA.AMARASO Y’ABO MURENGANYA AZOBAHUMIRA.VE I BUZIMU MUJE I BUNTU.NIMUKUNDE AFRIKA MUREKE GUKORERA INYUNGU Z’ABAZUNGU.NTACO BAZOBAMARIRA NAMBA.

  • ARATEYE ISONI UYU MUHUNGU WITWA SYLVESTRE.AFISE DAIMONI ARAKWIYE GUSENGERWA NI UKURI.IL EST LE LOUP DE LUI MEME.UMUTIMA MWENE UYO WICA NYENEWO .IMANA I
    MUFASHE.

  • Je ndumuhutu,muga ivyiyumviro nkivyuwo yiyita sylvedtre sinzi iyabivana.kandi ikintangaza imbonerakure zose zifise benevyo vyiyumviro cndd yabigishijenabi kandi buca babihakana.ibisigayereka turindire ukuri kujahabona

  • Sylvestre burya ivyoyavuze ntimugire ngonumisazi nyabuna nagashavu yagize amaze gusoma ibiraho ngaha hariho abashavuye bamaze gusoma ibibintu kugezanaho bavizeko abahutu dukomeje gutotwzwa nayomahanga (ibihuhivyibihangange) ngotuzopfuma twigira mwishamba twibereyo ibihebidashira, mwebwerero mwibazako Sylvestre arumuntumubi murihenda.

  • Ariko abo barundi b’umutima muke, buzuye amacakubiri, bashaka iki ku Rwanda. muri iyi nkuru mwigeze mwumva hari u RWanda bavugamo koko? hari izina HUTU bavuzemo???? None uyu murundi yuzuye aagatimma kkamacakubiri, urwanda aruzaanamo gute? ukurikiranye wasanga Sylvestre yarabaye mu rwanda akaba ari mu barundi babaga mu rwanda akaba yaranyoye ku maraso y abatutsi mu RWANDA muri 1994!!!!!! kuko yifitemo ihahamuka ryuko yanyoye amaraso y abatutsii. Abarundi mwese mwakoze genocide mu rwanda amaraso mwamenye azabakurikirana mpaka!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.