Accueil > Amakuru > Bururi : Abantu 47 barishwe muri uyu mwaka
Bururi : Abantu 47 barishwe muri uyu mwaka
jeudi 29 Munyonyo 2012
Abantu 47 nibo bapfuye bishwe mu ntara ya Bururi mu mezi 11 y’uyu mwaka wi 2012 bitumwe nibirwanisho bikwiragiye mu banyagihugu hamwe n’amatati y’amatongo.
Nkuko biri mu cegeranyo c’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Ligue iteka igisata c’i Bururi, mumezi 11 aheze y’umwaka w’2012 abantu 47 nibo bishwe harimwo abana bakiri bato mbere nabari munsi y’imyaka itanu. Ico cegeranyo ca ligue iteka cerekana ko umutekano w’abantu wahungabanye kurusha mu mwaka uheze kuko murayo mezi 11 mu mwaka w’2011 hishwe abantu 37.
Ico cegeranyo cerekana ko abakekwako ubwo bwicanyi hari abafashwe abandi nabo ntibarafatwa , abajejwe umutekano bavuga ko amatohoza akibandanya. Imvo zituma ubwo bwicanyi ngo nibirwanisho bikwiragiye mu banyagihugu.
Ivyo ngo vyabonekeye nkuko ico cegeranyo kibivuga mu bitigiri vyibirwanisho bimaze gufatwa muriyo ntara ,bigizwe n’amagrenades 37, mu makomine ya Vyanda, Rumonge ,Bururi. Harafashwe kandi n’inkoho 3 zo mubwoko bwa Karashinikov zose zafatiwe muri komine Rumonge hamwe n’amasase arenga 5500, muri ayo yose ayarenga 3980 yafatiwe muri komine Rumonge,ayarenga 1100 nayo afatirwa muri komine Bururi. Ivyo bitigiri bikerekana ko Komine Rumonge ariyo yatowemwo ibirwanisho vyinshi.
Fidele Nkurunzinza arongoye igisata ca Ligue Iteka mu ntara ya Bururi asaba ko umugambi wogukura ibirwanisho mu banyagihugu wobandanya. Ikindi cokorwa ngo n’uko ibirwanisho bifashwe vyoturirwa kumugaragaro hanyuma hagakwiragizwa abajejwe umutekano mu turere batarimwo.
Ico cegeranyo nticiyobagiza uruhara rw’amatati y’amatongo muguhungabanya umutekano .Ico cegeranyo kirahagarara ku gikorwa c’umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB.
Ligue iteka i Bururi ibona ko uyo murwi uteranya abasangwa n’abahungutse muguhengama mungingo zifatwa. Abakoze ico cegeranyo kubwa ligue iteka basaba ko abagize uyo murwi CNTB i Bururi bosubirizwa n’amategeko agenga uwo murwi agahinyanyurwa mu ntumbero yo gushira imbere ukunywanisha impande zose zegwa n’amatati y’amatongo.
Raymond Nzimana