Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bururi : Abanyamigambwe babanye neza mu mwumvikano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Bururi : Abanyamigambwe babanye neza mu mwumvikano

Bururi : Abanyamigambwe babanye neza mu mwumvikano

vendredi 10 Rusama 2013

Mu ntara ya Bururi, urwaruka ruhurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD rubanye neza n’abandi bari mu yindi migambwe mu gihe mu ntara ya Makamba isanzwe ihana urubibe na Bururi ho atari uko bimeze, kuko muri komine Kayogoro ku musozi Bujondi ibendera ry’umugambwe Sahwanya Frodebu ryirukanywe.

Mu ntara ya Bururi rero muma komine ya Matana na Mugamba, abanywanyi b’imigambwe itandukanye babanye neza nk’uko abarongoye izo komine babishikirije bagenzi bacu ba Radiyo isanganiro.

Musitanteri wa komine Mugamba amenyesha ko uwofatwa ariko azana akajagari muri iyo komine yitwaje umugambwe akomokamwo ko yohanwa bimwe vy’akarorero, atavyo kuraba umugambwe avamwo.

Mu sitanteri wa komine Mugamba abandanya avuga ko ibivurwa mu zindi komine ko hari aba hohotera abandi bitwaje ko boba badasangiye umugambwe, ivyo bavyumva ku matwi, ko mw’ikomine yabo atabiriho.

No muri komine Matana n’uko nyene, Imbonerakure zibanye neza n’abari mu yindi migambwe, ibivugwa ko urwaruka ruri mu yindi migambwe rushamirana , muri komine Matana ngo ntabiriho.

Ariko rero muri komine Kayogoro ho si uko bimeze kuko ku musozi wa Kajondi ibendera ry’umugambwe Sahwanya Frodebu ryatwawe na Musitanteri w’iyo Komine mu kwanka ko hari guhava hagira ingorane zaduka mu gihe abanyagihugu bo kuri uyo musozi batashatse ko iryo bendera ryohaguma.

Kubwa Zachée Misago musitanteri wa Komine Kayogoro, yahisemwo kwimura iryo bendera mu kwanka ko hogira ingora zaduka ku bwiryo bendera.

Uwurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu muri Komine kayogoro amenyesha ko ari akarenganyo kagirirwa umugambwe arongoye, kuko ntivyumvikana ingene ibendera ry’umugambwe wabo ryokwirukanwa ku musozi aho rishinze, irya CNDD FDD rikaguma rihungabana ukuri kwamye. Abandanya amenyesha ko ivyo biba mu gihe ikiringo c’amatora yo mu mwaka w’2015 cegereje.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.