Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bururi : Batawe muri yompi bagirizwa kuba bavuze ko Imbonerakure zahawe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bururi : Batawe muri yompi bagirizwa kuba bavuze ko Imbonerakure zahawe (...)

Bururi : Batawe muri yompi bagirizwa kuba bavuze ko Imbonerakure zahawe ibirwanisho

mardi 20 Rusama 2014

Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike mu ntara ya Bururi, bariyamiriza ipfungwa ry’abantu babiri bagirizwa kuba bavuze ko bafise amakuru y’urwaruka rw’Imbonerakure zahawe ibirwanisho.

Muri abo bagabo babiri bafashwe bagirizwa kuba bavugiye mu bunywero ko urwaruka ruhurikiye mu mugambwe CNDD FDD aribo Imbonerakure ko bahawe ibirwanisho, umwe ni umwigisha wo mw’ishure ritoya, akaba ndetse yarigeze n’ukuba umukuru wa zone ya Murago muri komine ya Burambi.

Ku bwa Fidele Nkurunziza arongoye Ligue Iteka muri iyo ntara ya Bururi, avuga ko ibivugiwe mu bunywero vyokwitonderwa gukorerako na cane cane iyo ababivuze bari bamaze gufata nk’agacupa, eka ndetse bikaba bishobora n’ugushika aho, umuntu arengerwa iry’umunani, ari naco gituma abo bantu babibi borekurwa, ivyo bagirizwa bikabanzwa gutohozwako neza.

Mukamenya ko muri iyo ntara ya Bururi, vyari bimaze igihe bivugwa ko rumwe mu rwaruka rwo muri uyo mugambwe uri kubutegetsi rwahawe ibirwanisho, aho ndetse n’ikibanza vyatangiwemwo cavuzwe, eka n’ababitanze baradomwako urutoke.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abarundi mwerekan’ubutwari bwanyu ntimutinye kunya ngo mwosonza nimba mubifitiy’ubuhamya nimubishikirize nubwo babkangisha kubaboha igih’ukuri kwagiy’ahabona muzobishumbushwa

  • Intagondwa z’ibururi zishe abahutu guhera 73. Nibazifunge bazibaze aho zahambye abahutu muri 72!! Ubwo izo nkoramaraso zumva zishaka kwica abandi nkuko base babigenje 72

  • Abiyita ko baharanira agateka kabantu basigaye umenga barataye ubwenge.None uwuborewe asigaye arekuriwe gutukana,kurementanya motif ngo yanyoye inzoga?Misi yose uza wumva ngo:NIBAREKURWE no ababa bafashwe rero baba bera misi yose?canke ntibazi ko amatohoza ashobora kuba umuntu apfunzwe vyagateganyo?Ivyo kuza barigira abahinga muvyo amategeko bobireka,kuko biramaze kugaragara ko abiyita ko baharanira agateka ka muntu batayazi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.