Accueil > Poritike > Imigambwe > Bururi : Rusansuma "rw’abakeba ba CNDD-FDD" rwiyamirijwe
Bururi : Rusansuma "rw’abakeba ba CNDD-FDD" rwiyamirijwe
mercredi 27 Myandagaro 2014
Intonde bivugwa ko ziriko ziragirwa na bamwe mu bagumyabanga ba CNDD-FDD mu ntara ya Bururi, ziriyamirizwa n’umuvugizi w’uyo mugambwe Onesime Nduwimana, aho avuga ko abariko barakora izo ntonde bofatwa.
Nk’uko aya makuru tuyakesha bagenzi bacu bakorera Radio Isanganiro mu ntara z’Ubumanuko abivuga, intonde zigizwe n’umurwi w’Abagumyabanga ba CNDD –FDD hamwe n’izindi z’abakeba ziriko zirakorwa, aho ndetse izo ntonde zigizwe n’imirwi indwi. Kuri urwo rusasuma, hakaba hariko igitigiri c’abakeba ku gacimbiri kose, hamwe n’izina ry’umukuru w’umuryango muri abo bakeba. Abarongoye imigambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD muri iyo ntara ya Bururi, bakaba bamenyesha amakenga bafise kuri urwo rusasuma. Bamenyesha ko bariko barabatera ubwoba mu gihe amatora yegereje.
Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bururi akaba avuga ko izo ntonde bariko baravuga ko zikorwa n’umugambwe CNDD-FDD atarivyo, ari ikinyoma cambaye ubusa. Ariko Emmanuel Ntezukobagira akamenyesha ko umunyeporitike wese abwirizwa kumenya igitigiri c’abamuyoboka, ariko atamenyesheje akamaro ko kurinda kumenya izina ry’umukuru w’umuryango. Mukamenya ko mu burongozi bw’umugambwe ku rwego rw’igihugu biyamiriza ikintu cose cotera ubwoba abanyagihugu.
Onesime Nduwimana avugira CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu, asaba abategetsi bose ahereye ku giporisi, abarongoye intwaro hamwe n’ubutungane gufata uwo wese yitwaza impapuro zitagira imikono mu ntumbero yo gutera umudugararo canke ubwoba abandi, ahanwe hisunzwe amategeko. Onesime Nduwinama akavuga ko atawokwitwaza intonde z’abakeba, kuko ibintu vy’amatora bihinduka.
Aristide Nizigire
Messages
27 Myandagaro 2014, 18:09, par Claude
Mwe sha mwa bu DD murisema
27 Myandagaro 2014, 21:37, par niyonkuru alexis
jewe numva umengo kugira intonde zabanywanyi ntangorane ikibi nukugira intonde zabakeba ababigira nibageze ngaho ntibakoziceyi aba dd ngobakoziceyi umugambwe wose
28 Myandagaro 2014, 17:23, par nzobandora
akataretse kaba gasema. Mbega aho abo ba dd baja ngaho bagakora ibi, bagasubira biriya mu kwigira incabwenge, murihenda ba sha! ubu ni "oeil pour oeil et dent pour dent"! amagogwa mwazanye muri iki gihugu arakwiye (ubwicanyi, itoteza, ubusuma bw’urukombamazi, ukudasonera kiremwa muntu, akarenganyo, mwarahamvye ubutungane, delestage, n’ayandi mabi menshi, imbere y’uko mutwara hari imiziro izigwa none ubu iwanyu ntayigihari, ivyo vyo bizobahumira rindira), vaho genda abandi batware. Ivyo mwigira vyose, muravaho ntagisivya!! ariko muzogwara kwashi n’imvunja yemwe! ha ha ha!!!!! mwarazaguye none muzokabona!!!
30 Myandagaro 2014, 10:34
Komera Onesime , abantu ba Aachen barabasuhuza ,mukomeze mugire akazi keza ,mudusuhurize Abarundi bose .Ina
15 Nyakanga 2014, 19:35, par Muhire
Ntaco Novuga None Muburundi Hazovugwa Amabi Gusa?Ze Murahumuriza Abarundi Turarushe