IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bururi : Sentare nkuru y’igihugu isubiramwo imanza yaronse abayirongora

Bururi : Sentare nkuru y’igihugu isubiramwo imanza yaronse abayirongora

dimanche 29 Ruheshi 2014

Inyuma y’aho intara ya Bururi ironkeye sentare nkuru isubiramwo imanza, abacamanza bazoja kuyirongora harimwo umushikirizamanza mukuru baragenywe ndetse bakaba baranemejwe n’inama nkenguzamateka.

Déo Niragira umututsi ava mu ntara ya Muramvya na Jean-Claude Nduwumukama umuhutu wo mu gisagara ca Bujumbura, bakaba aribo bemejwe n’inama nkenguzamateka y’Uburundi kugira baje kurongora iyo sentare nkuru y’igihugu isubiramwo imanza mu ntara z’Ubumanuko bw’Uburundi, iri mu ntara ya Bururi. Ivyo rero bikaba biri mu bikorwa vyo kworohereza abanyagihugu, bahora barinda kumanuka i Bujumbura baje mu manza ziba zigeze muri sentare nkuru isubiramwo.

Mwomenya ko intara ya Bururi ari imwe mu ntara z’Uburundi ifise imanza nyisnhi z’amatongo n’ayandi matungo. Abanyagihugu rero bakaba bagiye kworoherwa mu gihe c’imanza bahora bazana i Bujumbura. Abo bacamanza bagiye gukorera mu ntara ya Bururi, bakaba bemejwe mu gihe n’abandi bagiye kurongora izindi sentare z’igihugu bemejwe bose n’inama nkenguzamateka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.