Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bururi: Umugambwe UPRONA warakiriye abanywanyi bagera ku 500 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Bururi: Umugambwe UPRONA warakiriye abanywanyi bagera ku 500

Bururi: Umugambwe UPRONA warakiriye abanywanyi bagera ku 500

lundi 7 Nzero 2013

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 6 Nzero umwaka w’2013 , umugambwe UPRONA waratunganije ikoraniro muri komine Songa y’intara ya Bururi ,aho hakiriwe abanywanyi bashasha.

Ibirori vyari birongowe n’umukuru w’umugambwe ku rwego rwigihuigu Charles Nditije.Intumbero ngo kukaba kwari ukurabira hamwe ivyaranguwe n’uwo mugambwe mu mwaka uheze w’2012 , n’ugusubira gutanguza urwaruka ruhurikiye muri uyo mugambwe arirwo JRR wari wavutse kuva mu mwaka w’1991.

Nkuko vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa JRR Bonaventure Gasutwa, ngo urwaruka rufise ivyiyumviro nk’ivya Rwagasore barakenewe kugira ngo bagwane ingwano ya politike mu mahoro ,ngo kugira bagwanye n’ubukene bwugarije igihugu.

Bakaba baboneyeho kwakira abanywanyi bashasha bangana 550,abo nabo bakaba bariyemereye kwinjira ku mu garagaro mu mugwambwe watangujwe na Rwagasore.Abo banywanyi bashasha bakaba bava mu mihingo itandukanye y’intara ya Bururi ariko benshi muri bo bakaba ari abanyeshure biga muri kaminuza , ngo bashaka gushira mungiro icipfuzo ca Rwagasore co gutsimbataza intwaro ibereye .

Urwo rwaruka rero rukaba ngo rutumiriwe kugwanya ubushomeri buhanze urwaruka rwose.

kw’ifoto: Charles Nditije arongoye umugambwe UPRONA


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.