Accueil > Ubuhinga bwa none > Businesslife.bi ikinyamakuru gishasha
Businesslife.bi ikinyamakuru gishasha
mardi 12 Myandagaro 2014
Businesslife.bi ni ikinyamakuru gishasha gitanga amakuru kibicishije ku buhinga ngurukanabumenyi, nk’uko vyavuzwe n’umuyobozi waco Fabrice Iranzi, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.
Fabrice Iranzi akaba yamenyesheje ko ikinyamakuru arongoye cabonewe izuba na Canal Business Life International (CBL - INTL). Avuga ko ikinyamakuru Businesslife.bi kizitwararika cane ibijanye n’iterambere ry’abanyagihugu, mu gukora amakuru ateza imbere ibikorwa vy’abanyagihugu, amakuru atera intege umunyagihugu mu gushira amasanamu ajanye n’inkuru z’iterambere ku munyagihugu, kugira ntacike inkokora abandanye yiteza imbere. Ico kinyamakuru basoma ku buntu giciye ku buhinga ngurukanabumenyi, kikaba kije ciyongera ku bindi bisanzwe bihari. Kuri ivyo, Iranzi akavuga ko Businesslife.bi ifise itandukanirizo n’ibindi, kuko uretse gushiramwo amasanamu mu nkuru, bazoshiramwo n’amasanamu ya video.
Mukamenya ko muri ico kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Fabrice Iranzi yavuze ko basanzwe baratanguye gukora, bagakora amasaha 24 kuri 24, kandi uretse ko bazokora cane mu gisata c’uguteza imbere umunyagihugu, bafise n’ibindi bisata nka poritike, ubutunzi, ubuhinga bwa none, n’ibindi.
Aristide Nizigire
Messages
12 Myandagaro 2014, 15:19, par truth
yaaaaaaaaah very nice that is the kind of youth we wish to have in our East African Community.cong to IRANZI
12 Myandagaro 2014, 15:57, par gicocoro
Komera Fabrice,felicitation cane,ndabona mukomeza gutera intambwe mubuzima!courage kandi!
12 Myandagaro 2014, 16:28, par ko
Congz Fabrice, May God bless u
12 Myandagaro 2014, 18:15, par Mama
Ndabashimiye kandi ndanabashigikiye maze muzoje mugihugu code muducukumburire amakuru yabarimwi aborozi mubaganirizecane ahobazobabari ku kivi mutibagiwe amaphotos canecane video kubwishi.