Accueil > Amakuru > u Burundi > Busoni : Abavyeyi basaba kwerekwa ibiziga vy’abana babo bivugwa ko baguye mu (...)
Busoni : Abavyeyi basaba kwerekwa ibiziga vy’abana babo bivugwa ko baguye mu Cibitoke
jeudi 29 Nzero 2015
Abavyeyi babwiwe ko abana babo bapfiriye mu ngwano iheruka kubera mu ntara ya Cibitoke bafata nk’irementanya intonde zamanitswe mu Kirundo, zitanga amazina y’abapfiriye muri ivyo bitero.
Amazina y’abanya Kirundo bivugwa ko bari mu barwanyi bateye mu ntara ya Cibitoke, bakaba baguye mu gitero giheruka kubera muri iyo ntara mu mpera za 2014 ntahurizwako n’abavyeyi, kuko bamwe bemeza ko bama bavugana n’abana babo aho bagiye guca ingero mu gihugu kibanyi c’Urwanda.
Umushingamateka Yohani Minani yatowe mu ntara ya Kirundo asanzwe arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri, amenyesha ko harimwo iterabwoba n’irementanya muri izo ntonde, kubera hari abavyeyi basanze abana babo kuri izo ntonde kandi bazi iyo abana babo bagiye guca ingero mu Rwanda, kandi bakaba bama bavugana ku munsi ku munsi.
Muganga Yohani Minani avuga ko batohoje, cane cane muri komine Busoni, abavyeyi bakaba bemeza ko bazi aho abo bana bari, bakemeza kandi ko bagiye bahunga inzara, ubu bakaba bari guca ingero mu Rwanda. Uwo yatowe mu ntara ya Kirundo avuga ko ata kuntu mu gihe abo bavyeyi bakivugana n’abana babo, bobwirwa ko bapfuye, bakibaza ko bifise intumbero y’irementanya ry’ugushaka kuvuga ko bamaze gupfa kugira nibataha bazoce bicwa, vyitwe ko bari baramaze gupfa.
Abo bavyeyi basaba ko bobazanira ibiziga vy’abana babo, bibonere ko bapfuye, baheze babahambe, canke babazanire amafoto y’abo banyakirundo bitwa abarwanyi baguye mu Cibitoke.
Musitanteri wa komine Busoni asaba abo baharira kuri izo ntonde ko bokwerekana abo bantu bivugwa ko bapfuye, kandi boba bakiri bazima. Tubibutse ko mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabaye ku genekerezo rya 19 Nzero 2015, Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yamenyesheje ko umurwi w’abateye mu Cibitoke wari ugizwe n’abarwanyi bagera kw’ijana na mirongo icenda (190), benshi muri bo bakaba bava mu ntara za Kirundo (abarwanyi 41), Makamba (abarwanyi 35), Ngozi (abarwanyi 23), Cibitoke (abarwanyi 11) hamwe na Bubanza (abarwanyi 10), muri abo barwanyi hakaba harimwo abana b’imyaka 15, 16, na 17 nk’uko umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yabimenyesheje.
Egide Nduwimana
Messages
29 Nzero 2015, 09:02, par kabizi
None ivyo navyo biragoye ufise umwana akiriho namuzane amwerekane hanyuma duce twumva ko yari iremenkanya nka rimwe Mbonimpa yakora kubo yavuga ko baguye Kongo mu nyuma tukababona !!!!!!!!!!!
None umunyamakuru mu nkuru yiwe yabuze numwe yoduha?nta muvyeyi bavuganye ngo amubarira ati umwana wiwanje witwa uku uva aha ariho dore na numero yiwe muhamagare wumve?
Ntimugakore akazi igice!!!!
29 Nzero 2015, 10:33, par muco
Je nibaza ko ata mpari zojamwo kuko uwabikiwe ko yabuze, nawe ati murabesha umwana wanje duhora tuvugana ari i Rwanda guca ingero, nta mpamvu yo kumwerekana kuko ntangorane bimuteye. Canke uwapfuye ntaherekezwa nabiwe? Barabereka ibiziga abo bavyeyi nabo babihambire nkuko vyamye kuva kera. Ahubwo uwagize amatohoza arasubiramwo kugira atange ibitagira amahinyu. Canecane ababuze basaba ibiziga vyabana babo babibereke babihambire. Uwo kabizi asaba kubabona nawe, vyomufasha iki niyaba atabazi? Ivya Mbonimpa navyo bireke. None ko urubanza rutarasubira gusasa, hoba hariho abamaze guca urubanza tutabizi?
29 Nzero 2015, 10:36, par habonimana
mbega abo bategetsi batwara kirundo bakunda abana gusumba banyina babo? ariko ikibabaje nuko bagire basubire gutera umugera wamoko muburundi. mugabo ikiryoshe nuko yaciye umugani neza ngo uwuzowatsa uzohera iwe uzimire iwe kandi bamenye ko abo batwa bariko barakoresha bobo impera nimperuka bazobivuga kandi sibo bonyene iyo baba abo mpanura boretse amarementanya kuko baramaze kubona ko vyo bica bija ahababona nukuvuga ko muburundi hariho abasenga mukuri .imvuga kuri bata mumvuto nukuri hadasigaye gato Imana Ikabadahwa
29 Nzero 2015, 12:10, par bujumbura
None nibahamagare abana babo bagaruke turabe ko bakiriho.none ingero muvuga ntibayiciye yo kuja kwiga iisoda!nabacanshuronyene.nibabazane nimba bariho.mbe muziko abateye bakoreye imyitozo murwanda!!!!
29 Nzero 2015, 13:15, par CIZA
NDIBAZA IKIBAZO ,mukuronka identité y’abapfuye bose vyagenze gute?
Babanje kubafata bose hama barabaza umwe umwe wese hama baca barabica?
canke uwagize recrutement niwe yatanze Liste iriko umwidondoro wabo?
Canke barya bishikanye munyuma bafise inkoho,motorola,...bizwiko bakorera iperereza bakavugango ntacomvuga general Adolphe na BUNYONI batage naw yari kumwe n’abo bateye?
Mbegako bashaka gufatako cari ikiroberi c’abatutsi kubera iki batari gufata abatutsi na 10 bakaberekana kumugaragaro amakungu arorera?
VYUKURU NDAKENEYE UMUCO KUKUNTU UMWIDONDORO W’ABO BANTU WABONETSE,mugihe batubwirako atawishwe yafashwe bose babarashe bariko bararasana,muraraba neza iryo rementanya rizobakorako naho mwoba mwibazango mushaka kuryegeka kuba opposant.
29 Nzero 2015, 13:25, par zuzu
ababa nya kirundo nimubareke kuko nutapfiriye mucibitoke m23ntazorokoka .bareke bicareyo (gako:camp) bazobona izongero bagiye gucayo
29 Nzero 2015, 14:06, par tharcisse
Burya uwo mushikirizamanza mukuru ariwe Bagorikunda yarze amashuri yumwuga akora!!!ko yamenye aho abo barwanyi bava kuki bataciye bafata ivyo biziga bakabishira benebo bakabihambira!nibagende babizure aho babihamvye babishire benevyo.we wobikira umuntu ko yabuze uwiwe kandi wewe azi ako akiriho kandi bama bavugana!ahubwo ubwo bucamanza bwaba DD bukwiye gufutwa kuko kuva kuri president ugashitsa kuri nyumbakumi nibabogozwe kuko ntibazi ivyo bakora atari ukwica abantu hanyuma ntibaronke insiguro batanga,nirementanya ntaryo bashoboye.ariko bitebe bitebuke ukuri kuzoja ahabona.nta mvura idahita.
29 Nzero 2015, 14:11, par cbc
ahaaa,ivyo muburundi turacabona,muragumya imitima,uwuramvye azobona vyinshi.
29 Nzero 2015, 14:57, par nwari
Mbega nkuruziza yibazako abahutu,bubu arukupfa kubabesha!? Kugira banke abatutsi??nico gituma yagiye mubatwa!!!jewe ndibaza hamwe boguma bankana ho yibaza koyoguma kubutegetsi atawundi muhutu abishoboye?????imisi yanyu yaba dd iharuye nkintoke bucamwagara mubure isi nijuru ndabarahiye imana ihanira kuri yisi buca mubibona amaraso yabantu mwanyoye??ubu naho musigaye,muja nokwigamba kubavyeyi mubabwira ko abana,babo mwabishe!!!!!!!!!!! Ngoko atarivyo nibabazane!!!!
29 Nzero 2015, 15:06, par semana
Mbe Tharcisse ko numva wewe uzi ingene batwara ngo abandi vyarabananiye utwara iki ngo turabe inge gitwawe?
29 Nzero 2015, 16:45, par Nuwera
Dr. Minani, uridogiteri, urashobirakuvuga ibintu bidashoboka? Ngobashaka nibataha bizoborohere kuzocababica!? Urumuntu wifuza kuzotubera prezida ukubahuka ukadambikanya nawe akokagene!?
29 Nzero 2015, 21:39, par TURAJE
Bagenzi banje iyo muhaba mwari kumirwa.....baratweretse ko aBatutsi atajambo dufise............naho boba bariko bariyayamamaza ntibari kutwinuba kurya ,,Musitanteri wacu numunyamacakubiri caneeeeeeee yaguma aja mumatwi yabatwa ababwira utujambo kandi inama yaheza mumisi iza tuzovyura intambara yamazuru kuko turarushe mumenye ko abatutsi tubasumba experience naho turi inkewa.......VYINSHI BIBI BISUMBWA NABIKE VYIZA
30 Nzero 2015, 08:34, par SIHONDI Levis
EREGA MINANI SIWE MURAMUTUNGA; NONE WODRYA INDRYA USIGARIJWE NA NDITIJE NA MANWANGARI NA TASIYANO UKAVAMWO UMUNTU. RINDIRE NAMWE MUZOBA MUBONA KWATAZOMERA NKA NGEZE FRANCOIS YARIYE UDUKOROTSE KUMEZA KWA BUYOYA AGATYOZA ABAHUTU; UBU ARWAYE URUBANDO HAHAHAHAHAHAHAHAAAAAA
30 Nzero 2015, 20:09, par gahinja
Ces qui sont morts sont morts et ne sont jamais revenus. Dernierement Mbonimpa a publie la liste des imbonerakure tombes sur la bataille a Kiliba Ondes et les concernes ont crie haut et fort qu’ils sont vivants et ils ont porte pleinte contre Mbonimpa. Si les 190 presumes mort ne sont pas reellement morts c’est a eux de declarer aux instances judiciaires qu’ils sont vivant. NIBIVUGIRE . NONE HABURE N’UMWE YIYEMERERA KO ARIHO? Hahahahaaaaaa
2 Ruhuhuma 2015, 18:09, par izobikora
ariko irementanya rya cndd fdd ntimurizi.nimba reelement arabo mukibiri baguye mucibitoke turabasavye bongere batwicire nkabarya incuro cumi ngira amahoro yononeka.imbonera kure zarahahereye umunyakibi ntaramba
6 Ruhuhuma 2015, 19:37, par NTAKIRUTIMANA LAZARE
Ingorane muri kino gihugu abantu bagikunda ni bake cane, nimwiyumvire namwe nkiyo mvugo ya IZOBIKORA! aho hejuru ngo :"Nibatwicire...... "Iyomvugo irubaka turakwiye ko twokwikarura tukihana kuko satani yaradufashe mpiri, hanyuma nosaba umuntu wese ahiga kwica yaba uyu canke uriya ko yogezaho kuko twese tuzoba ntawuzorusimba, mbe wibaza ahuri ko ariho uzokwama? uze ukore ikibi iciza caheze @