Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Busoni : Imwe mu miryango iriko ihunga ikigoyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Busoni : Imwe mu miryango iriko ihunga ikigoyi

Busoni : Imwe mu miryango iriko ihunga ikigoyi

lundi 5 Rusama 2014

Mu ntara ya Kirundo, imwe mu miryango iriko irata izabo, ihunga ikigoyi muri komine ya Busoni, umusozi wa Rwabikara.

Nk’uko bamwe mu banyagihugu b’i Rwabikara zone ya Gasenyi babivuga, imyaka ibiri irarangiye, barima bagatahira gukubita isuka hasi gusa. Bamenyesha ko hageze aho vyanka, ndetse imiryango igera kuri 15 ikaba yaciye ihungira ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo, aho abagiraneza b’ababikira bo mu muryango w’abene Tereza w’i Calcuta, baciye baba barabahaye utwo baba barafungura.

Bamwe muri abo bahunze ico kigoyi cokora inzara kigata aho i Busoni , bamenyesha ko bamwe mu bagabo bahungiye mu ntara zihana urubibe na Kirundo, abandi nabo bakaja guca ingero mu gihugu c’Urwanda. Mu ntwaro, baremeza ko uruzuba rwatikije imirima y’abanyagihugu, ariko uwundi mwanya, mu ntwaro bavuga ko abanyagihugu bishinga kurera amaboko, rikarenga ataco bakoze, ari naco gituma inzara iguma ari yose muri iyo ntara.


Aristide Nizigire

Messages

  • IYO BAVUZE NGO BARERA AMABOKO BABA BASHATSE KUVUGA IKI!!ABATWARA BAKORA IKI KUGIRA IYO NGESO YO KURERA AMABOKO ITUZWE..UBWO NTA SONI BASHAKA AMAJWI GUSA ,,KANDI UBURIMYI BUNAGURWE KU MITUMBA EREGA UMUNTU ARARIMA AHANTU HATAGIRA UMWAVU,ATA MAZI AGATEGEREZA IMVURA..MBE IRRIGATION IGEZE HE KUBIKA AMAZI Y IMVURA NAVYO!!!!NTA GOUVERNANCE TUGIRA ,,

  • Zabonerakure zirara zikikizura kumurago zirigwa ziryamye iyo niyongaruka yinzara .ewe muhutu tora neza 2015 kugira ureke kwamana intekera kumutwe ? Reka kutora ibigugu abincanyi kuko ni mana nicogituma ibateza inzara kushika mutahuye iciza na banyambwege muvavanure nabincanyi baba DD kugira imigisha ize mugihugu

  • Aho hantu bavuze najyaga numva mama ahavuga. Jye ndi umunyarwanda wavukiye mu Bugande ariko umuryango wa mama ukaba ukomoka muri ako gace ka Busoni nyuma baza guhungira mu bugande. Aho ku Gisenyi numvaga ahavuga. Sogokuru yitwaga Nayiburundi naho Nyogokuru akitwa Muhimpundu. Numvaga mama avuga ko aho bari batuye hitwaga i Renga naho ngo iwabo wa Nyogokuru bo hari i Murambi akagira Ndibuka mu mazina ya basazabe yigeze kuvuga ko harimo uwitwaga Simogomwa abandi sinkibibuka. Mama yajyaga avuga ko hari mukuruwe basizeyo. Haramutse hari umuntu ukomoka muri uwo muryango cyangwa se awuzi, yanyandikira kuri jmsnkurunziza@gmail.com. Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.