IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Busoni : Inka za Nzogera mu ruhongore rwazo, musitanteri Kabihogo (...)

Busoni : Inka za Nzogera mu ruhongore rwazo, musitanteri Kabihogo Lewokadiya atabishaka

lundi 23 Nyakanga 2013

Kuva mu mwaka w’2009, aho hatanguriye amatati hagati ya Nzogera Yozefu n’abarongoye intwaro mu ntara ya Kirundo, bitwaza ko Leta yoba ishaka kunyaga itongo uyo munyagihugu yari yagujije nayo inyuma y’urwimo rwo mu mwaka w’1993, amasezerano y’ugusubiza nka mu ruhongore z’uwo munyagihugu zari zarakuwemwo yaraye ashizweko umukono.

Inyuma y’impari ndende hagati y’umuryango wa Nzogera Yozefu n’abarongoye intwaro muri komine ya Busoni, impari zari zimaze ikiringo c’imyaka ine, ikibazo caraye gitorewe inyishushu. Umurwi wari ugizwe n’abashingantahe, harimwo bamwe mu bashingamateka batowe mu ntara ya Kirundo, umuryango wa Nzogera Yozefu, buramatari w’intara ya Kirundo n’abandi.

Inka mu matongo y'abanyagihugu

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 Nyakanga, hakaba harateweko umukono ku masezerano asubiza izo nka iyo zaje ziva mw’itongo ry’i Rwintonga, ndetse izo nka zikaba zaraherekejwe na bamwe mu bari bagize uyo murwi wo kwumvikanisha izo mpande. Aha twovuga nka Yohani Minani, umushibngamateka yatowe muri iyo ntara ya Kirundo, buramatari w’intara ya Kirundo n’umukuru w’igipolisi muri iyo ntara.

Ariko rero icatangaje abantu atari bake, ni ukwo musitanteri Kabihogo Lewokadiya atigeze aseruka kugira nawe atere umukono kuri ayo masezerano canke ngo arungike intumwa, na rirya umuryango wa Nzogera Yozefu wagiriza musitanteri Kabihogo, kuba ariwe yari hejuru mu gutoteza uyo muryango bata inka zawo mw’ibarabara, ndetse n’itangishwa ry’amahadabu y’ibihumbi 600.000, mu gihe iyo hadabu musitanteri ataburenganzira afise bwo kuyica umunyagihugu, hisunzwe ingingo ya 620 agace ka gatatu, ivuga ko musitanteri adashobora kurenza ihadabu y’amafaranga 5.000, mu gihe izo nka zari zifashwe zagirizwa ko zari mw’ishamba cimeza rya Murehe.

Twobibutsa ko abanyagihugu bo muri komine ya Busoni bari babariye ikinyamakuru IGIHE ko ikibazo c’inka za Nzogera cari carananiye musitanteri wabo, ari naco gituma basaba ko ico kibazo cokwigwa n’inzego zo hejuru, kugira izo nka zayerera mu matongo yabo banyagihugu zitema zigatongora, borondera ahandi zija, canke zisubizwe iyo zaje zia. Eka abo banyagihugu bakaba babariye ikinyamakuru IGIHE batarya umunwa ko uyo munyagihugu Nzogera, ryari itotezwa yariko aragirirwa, mu gihe bagire bamutware aho yagujije na Leta, itamuhaye n’ahandi ari bwororere izo nka ziwe.Ubu rero igisigaye kumenyekana ni uwuzoriha ivyononekaye, haba imirima y’abanyagihugu, haba zimwe mu nka za Nzogera Yozefu kugera n’ubu atawuzi irengero ryazo, n’ibindi.

Nzogera Yozefu

IGIHE

Messages

  • Bonjour!mufise inkuri zigezweho pe!en plus ntavyiyumviro vyoteranya canke ibihuha vyinshi mbonamwo.I am sorry;it is my personal consideration doubtlessly my outlook will be different from the others.Si possible j’aimerais me joindre avec vous en rédigeant certains articles.Je suis journaliste d’un des media burundais.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.