Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Butaganzwa : Abanyagihugu basaba abagiraneza kubagarukirako - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Butaganzwa : Abanyagihugu basaba abagiraneza kubagarukirako

Butaganzwa : Abanyagihugu basaba abagiraneza kubagarukirako

dimanche 5 Nzero 2014

Imvura yaguye muri komine ya Butaganzwa intara ya Ruyigi yarononye ibitari bike harimwo imirima, inyubakwa, ndetse na zimwe mu nyubakwa z’amashure zikakaba zitasizwe inyuma n’iyo mvura ivanze n’igihuhusi.

Iyo mvura yaguye muri komine ya Butaganzwa igahitana ibitari bike, yononye ibirasi bine. Ababibonye, bakavuga ko Imana yacanye kuko iyo mvura ivanze n’umuyaga w’igihuhusi yaguye mu gihe abanyeshure bari mu kiruhuko c’igice ca mbere c’amashure. Umuyaga rero ukaba wari ufise umuvuduko udasanzwe, mu gihe imirima itandukanye yagurutse, ikononekara cane.

Abahuye n’iyo ngorane y’iyo mvura ivanze n’umuyaga w’igihuhusi, bakaba basaba ko
abagiraneza bobagarukirako, kuko inzara yo igiye kubica mu gihe atacasigaye mu murima. Basaba ndetse n’abarongoye intwaro muri iyo komine, kudodora mu bagiraneza batandukanye kugira baronke abobagarukirako, amashure yabomotse asubire asanurwe, abana baze baronke aho bigira muri iki gice ca kabiri buca gitangura.


Aristide Nizigire

Messages

  • ka hari butaganzwa iri mu ntara ya Kayanza n’iyiri mu ntara ya Ruyigi iyo yashikiwe n’ivyago ni iyahe? Uwoba ayizi natubwire iyariyo.

  • None reta ntaco ibivugaho abo bagiraneza bazovahe ko mbona iyo abakuru bagiye gusaba impfashanyo basaba bihereza jewe hano hari umuririvyi yabibabwiye ngo ni mureke gusesagura amtungo yareta ngo kuko umunyagihugu ariwe ahemba abakozi bareta aho.shatse kuvuga yuko reta yari kuba yatanguye no kubaka ayo mashure kuko ifise ikigega ca gateganyo co kwama catabaye ivyago nkivyo. Soory kuri mwese mwahuye ni bibazo.

  • Butaganzwa mu Ruyigi

  • Peter woba uzi imitumba yababaye kurusha iyindi?Nipfuza gufasha.Gikwiye irimwo?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.