IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Buterere : Abahuye n’imvura baronkejwe imfashanyo

Buterere : Abahuye n’imvura baronkejwe imfashanyo

samedi 5 Mukakaro 2014

Abahuye n’ivyago vy’imvura yaguye ku wa 9 Ruhuhuma babandanya guhabwa imfashanyo zitandukanye na bamwe mu barundi, yaba ababa mu gihugu, hanze y’igihugu hamwe n’abakunzi b’Uburundi.

Abasirikare bo mw’ibatayo y’121 bahora mu gihugu ca Somaliya iyo bari baroye kugarukana amahoro, bakaba baciye baja kugarukira ku banyagihugu bo muri komine ya Buterere mu gisagara ca Bujumbura, aho bari baroye gufasha abanyagihugu bahuye n’imvura yaguye y’isegenya, ku wa 9 ushira uwa 10 Ruhuhuma uyu mwaka.

Inyuma y’iyo mfashanyo,umupfasoni Polina Ruratotoye musitanteri wa komine ya Buterere, akaba yarashimiye cane abo basirikare bashoboye kugarukira ku banyagihugu arongoye. Avuga kao muri komine arongoye, abahuye n’iyomvura baciye bigumira mu mihana iwabo, mu gihe abo muyandi makomine y’igisagara ca Bujumbura baciye baja kuba mu masite.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mukomere Ngabo z’Uburundi, nimwe igihugu gihanze amaso k’ukuntu mugiteza iteka, mukaryitera, mukanaridutera Abarundi twese na Africa.
    Mbega ca Gipolisi PNB cambere mukugayika no mukwisuzuguza muri Africa kiri hehe?

  • Musanzwe muturarira rubunda hiryanohino kumbibe zigihugu nohagati mugihe vyakenewe ndetsetutibagiwe nokuja gufasha ibindibihugu ahabahahungabanye umutekano, none muraje nokumihana yacu mutuzaniye agakemanyi! Nubwokuvakera abasirikare buburundi bamyebihagararako kugira ntihagire uwubakatako, ekamwinomyaka naho abasirikare buburundi babayevyose ! oyanamwe nimurabe mumakungu nibitumwako, mugucungera imbibi zu Burundi turavyibonera ijoro numutaga, mukuharukira kubagizingorane ntiworeba, oyamurashoboye!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.