Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Buterere : Ingorane y’abigisha, ibirasi n’intebe irabangamiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Buterere : Ingorane y’abigisha, ibirasi n’intebe irabangamiye (...)

Buterere : Ingorane y’abigisha, ibirasi n’intebe irabangamiye abarerwa

vendredi 11 Ndamukiza 2014

Ishure ritoya rya Buterere ya mbere rifise ingorane z’ibirasi n’intebe, naho mu bumenyi umuyobozi w’iryo shure avuga ko bwifashe neza aravye uko abanyeshure batora ikibazo ca Reta.

Mu cegeeranyo casohotse mu kwezi kwa Ruhuhuma uyu mwaka, cerekana ko iryo shure rifise abanyeshure bangana 3218, abahungu ni 1548 abigeme nabo bakaba 1670. Nk’uko umuyobozi wa Butere ya mbere abivuga, muri uyu mwaka w’ishure, mu gice ca mbere haragaragaye abahevye amashure bagera kuri 21. Muri abo, abigeme ni umunani, abahungu nabo ni 13.

Joceline Kandagano rero avuga ko ishure arongoye rifise ingorane z’ibirasi, intebe n’abigisha, kuko ishure ryose rifise abanyeshure bangana canke barenga 70. Mu mashure y’uwa mbere ho, biragoye cane, kuko hari imirwi ine, ibiri mu gatondo hamwe n’ibiri inyuma y’umutaga. Ishure ryose muri ayo y’uwa mbere, rikaba rifise abanyeshure batari munsi y’ijana. Iyo ngorane y’umurebgera w’abanyeshure igaca ihurirana n’uko hari n’intebe zike cane.

Uyo muyobozi avuga ko ibice birenga kuri 63 bimenya mu mwaka wa gatandatu, ariko bafise ingorane y’abigisha. Uyo muyobozi agasaba ko abigisha yari yasavye ubushikiranganji bagera kuri 14 yobaronswa, mu gihe iryo shure rifise abigisha 40 gusa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.