Accueil > Poritike > Imigambwe > Butihinda : Imbonerakure zagirizwa gutera ubwoba abo batavuga (...)
Butihinda : Imbonerakure zagirizwa gutera ubwoba abo batavuga rumwe
samedi 21 Ntwarante 2015
Bamwe mu banyagihugu bo ku misozi ya Butihinda, Mugongo, Rwamfu barara ntibuca batinya ko bagirwako ibitero n’Imbonerakure za CNDD FDD, nk’uko babibwiye bagenzi bacu ba radio Isanganiro.
Abari mu migambwe itavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD bo muri iyo komine ya Butihinda, bagiriza abayobozi b’uwo mugamvbwe kuba bari inyuma y’ivyo bikorwa. Izo Mbonerakure, zikaba zagirizwa kurara zirakizura, ibitera ubwoba abari mu yindi migambwe, nk’uko bivugwa na Simeon Nyandwi, wo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri. Eka no muyindi migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, ikaba yagiriza izo mbonerakure ko zibasotora, aho bavuga ko urwo rwaruka rwamanuye amabendera ya CNDD FDD, ruja kuyashinga imbere y’inzu y’abari mu yindi migambwe.
Ku ruhande rw’umugambwe CNDD FDD, umukuru w’uwo mugambwe ku musozi wa Butihinga, avuga ko ivyo ari i binyoma. Ku bwiwe, namba abanyagihugu batavuga rumwe na CNDD FDD bafise ubwoba, ni amajambo y’ibihuha bumva, atazi iyo azanana. Tukabamenyesha ko kuri uyu wa 20 Ntwarante mw’isoko ya Butihinda, abanyagihugu baremeshejwe n’abajejwe intwaro muri iyo komine.
Aristide Nizigire
Messages
21 Ntwarante 2015, 15:05, par VISENT
ABANYANEGIHUGUBIBITIHINDANIMWINGANE.MUSENGECANEKUKOIMANAIRATUBONA
21 Ntwarante 2015, 17:32, par Sylvain
Managarukiraabobantu Bibutihindabaronkeamahoro
21 Ntwarante 2015, 20:20, par Nuwera
None ivyobintu vyokwagiriza imbonerakure zomuriyo misozi kozitera ubwoba abandi bomuyindimigambwe komubivuzubu muriyo mitumba mwumyaka ya 2005 gushika muruyumwaka wa 2015 murukukwezi kwagatatu nihohabonetse Imbonerakure? twovugako murukukwezi kwagatatu ariho umuhari w’Imbonerakure uvutse mwiyomitumba? Nizabazarizisanzweho mwarimwakoziki kugira mubaneneza nazo? Ndabasaba imyifatire mwarimufise mumyaka yaheze bigatuma mubananeza nizo Mbonerakure bariyo mwongera kugarukako mwirinde ivyovyose bitumwe muyoberana kandi mwese muribene Burundi.