Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bwiza : Abanyagihugu bagiye kwiruhutsa indwara zivuye ku mwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Bwiza : Abanyagihugu bagiye kwiruhutsa indwara zivuye ku mwanda

Bwiza : Abanyagihugu bagiye kwiruhutsa indwara zivuye ku mwanda

jeudi 19 Kigarama 2013

Abanyagihugu bo mueri komine ya Bwiza mu gisagara ca Bujumbura, barashimishwa n’ibikorwa vyo kubakorera amabarabara biriko birarangurwa muri iyo komine. Bavuga ko ubu isuku rigiye kwiyongera, ndetse n’uruja n’uruza rukoroha.

Ivyo bikorwa vyatanguye mu kwezi kwa Nyakanga uyu mwaka, bikaba bitegekanijwe kurangira muri Ruhuhuma umwaka uza. Amabarabara ariko arakorwa akaba ari ayo kurya mbere na gatatu yo ngaho mu Bwiza. Abanyagihugu bagashimishwa kandi n’ukwo imifurege itwara amazi iriko iratunganywa. Indwara zivuye kwisuku rike kubera amazi aba yiretse aha nahariya zikaba zizogabanuka.

Kwizera, umunyagihugu waho kw’ibarabara rya gatatu, akaba avuga ko imiduga yahora ishiburira ibishanga ku banyagihugu bigiye kuzohera, icibagiwe kikaba ari imikungungu, indwara z’uguhema nabi n’ibicurane mu gihe c’ici. Tukaba twobamenyesha ko ico gikorwa co kwubaka amabarabara gituma imbibe z’amabarabara n’amazu zibonekeza neza, mu gihe hari zimwe mu nyubakwa usanga banyenezo bazishinze iruhande y’ibarabara, canke ugasanga uruzitiro rw’inzu ruri mw’ibarabara. Ivyo rero bikaba vyatumye amwe muri ayo mazu asamburirwa ivyo bice vyayo biba bishika mw’ibarabara, mu kurenga imbibe zazo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.