Accueil > Amakuru > u Burundi > Bwiza : Station KOBIL yatewe n’umuriro
Bwiza : Station KOBIL yatewe n’umuriro
mardi 7 Ruheshi 2016, par
Impanuka y’umuriro yiyadukije mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, kuri station KOBIL yo mu Bwiza mu gisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara ryitiriwe Peuple Murundi, iruhande ya station King STAR yo mu Bwiza.
Uwo muriro wiyadukije mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota 45 z’agatondo, inkaratasi n’amadosiye bikaba vyahiye.
Nyene iyo Station yatewe n’umuriro amenyesha ko amadosiye yose iyo Station yahora ikoresha yahiye, amafagitire atari bwarihe, hamwe n’urutonde rw’amadeni abantu bari bafise iyo Station vyahiye.
Igiporisi kijejwe gukinga impanuka kikaba canyarutse kuzimya umuriro utarashika ahari igitoro, ivyatumye uwo muriro umara umwanya muto.
IGIHE
Messages
7 Ruheshi 2016, 13:59, par eric
niba igipolice catabaye ivyo ni sawa kabisa.
7 Ruheshi 2016, 16:01, par Karimu
Muhumure nubundi iyo bikomera twari kuza kubafasha kuzimya....
7 Ruheshi 2016, 17:04, par irankeje
birababaj niyihangan azoronka ibindi
7 Ruheshi 2016, 17:06, par irankeje
birababaj niyihangan azoronka ibindi
7 Ruheshi 2016, 20:02, par christophe mugisha
ntakundi ni kwihangana kandi natwe tuba muntara hagati atwihanganire kuko tuba kure rero ntaco twari gufasha.
8 Ruheshi 2016, 08:46, par poly
pole sana ayo madosier ntiyari gushya yose iyo uburundi bufitanye umubano mwiza nu Rwanda kuko urwanda rwari kuzana indege zikazimya nkuko rwabikoze kwisoko rikuru rya bujumbura
14 Ruheshi 2016, 03:29, par ndayikeze j paul
nihata nyene isanganya ryama ryabaye.
14 Ruheshi 2016, 03:37, par ndayikeze j pauk
nihatari ni yihangane azorondera ibindi isanganya ryama ryabaye.