Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > "Bye Bye Concert", igiteramo co gusezera Big Fizzo
"Bye Bye Concert", igiteramo co gusezera Big Fizzo
mardi 18 Ruheshi 2013
Big Fizzo ni umuririmvyi w’umurundi yahora aba mu gihugu c’Ubufaransa n’umukenyezi wiwe. Hari haheze igihe yaragarutse hano mu gihugu c’Uburundi, amavukiro yiwe, mukibuka ko amakuru ya nyuma duheruka kubaha ya Big Fizzo amenyesha ko hageze ko asubira mu Bufaransa.
Nk’uko yabivuze ko ariko yitegura gusubira mu bufaransa, vyatumye ategura igiteramo co gusezera abakunzi b’umuziki wiwe, ico giteramo kikaba yacise “ Bye Bye Concert”, kikaba kizoba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 23 Ruheshi 2013.
Abakunzi biwe bakomeje kuvuga ko kizoba ari ic’amosozi menshi kuko uyu muririmvyi n’umwe mubafise abafana benshi hano i Burundi. Benshi mu bakunzi biwe bakaba bari banse kwemera ko agiye gusubira mu bufaransa, kuva aho hasohokeye iryo zina "Bye bye Concert", baciye bemera ko iyo nkuru ariyo.
Twibutse ko uyu muririmvyi mu makuru atangaza avuga ko atazoteba kugaruka mu gihugu ciwe kuko yongeye guhamagarwa na Primusic kuzokwitaba ibiteramo vyayo kandi akaba ashaka kuzanira abakunzi biwe album nshasha yaramaze iminsi ategura.
Joel Sengurebe
Messages
10 Myandagaro 2015, 21:23, par clovis
nukuri niyigiramahoro ariko sat-azomucako
4 Rusama 2016, 11:07, par NTunzenimana Vincent
Ntimvyizakubayagarutsemugihunguc,uburundi